G-Bo yasohoye Video n’abandi baririmvyi bakuriye inkofero

1 24-11-2017 - saa 12:44, Egide NDUWIMANA

Umuririmvyi G-Bo yaraye ashize ahabona isanamu y’ururirimbo yakoze afashwe mu mugongo na Di Moda Fashions. Abaririmvyi batari bake bari bitavye ico gikorwa baramuteye intege gushika aho hari n’abipfuje gukorana nawe. Si iyo video gusa, mu kwezi kuza arashira ahabona urukurikirane rwiwe rwa mbere.

"Overdose", ni ururirimbo rumwe muri cumi na zitanu zigize urukurikirane "4G", video yarwo yaraye yerekanywe ku mugaragaro. Mu kibanza c’inama ca Hotel Club du Lac Tanganyika, iruhande ya G-Bo (yakoze ururirimbo) hari kandi na Fiston yaserukiye uruganda Di Moda Fashions. Uwo wa nyuma yashikirije ko Di Moda Fashions imaze gushinga imizi mu bindi bihugu vyo mu karere ka Afrika y’ubuseruko, ariko yashitse no mu Burundi mu gukorana na G-Bo.

JPEG - 610.5 ko
Umuririmvyi G-Bo

Muri Video y’ururirimbo "Overdose" habonekamwo abigeme bagira "Défilé" bambaye impuzu zanditseko "Di Moda Fashions", eka na G-Bo araboneka yambaye nk’uko, mu kwerekana ko yakozwe ku bufasha bw’urwo ruganda. Ikindi kiboneka n’abandi nka Happy Famba bashingiye intahe iyo video yatwaye amahera menshi.

JPEG - 595.5 ko
Umuririmvyi G-Bo

Tubamenyeshe ko G-Bo agiye gushira ahabona urukurikirane rwa mbere yise "4G" rugizwe n’indirimbo icumi na zitanu harimwo nka "My future, Ntawundi nshaka, ntelefona, complike, Stamina" n’izindi. Urwo rukurikirane ategekanya kuzorushira ahabona muri Kigarama uno mwaka.

JPEG - 573.2 ko
Cherif NKESHIMANA, umumenyeshamakuru w’ikinyamakuru IGIHE ariko abaza umuririmvyi G-Bo
JPEG - 64 ko
Big Farious na Natacha Ngendabanka bari mubari bagiye gushigikira umuririmvyi G-Bo
JPEG - 615.3 ko
Big Farious akeza umuririmvyi G-Bo

Umviriza wongere urabe video y’ururirimbo "Overdose" rwa G-Bo

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Johannes 2017-11-24 22:44:26

C’est bon pour le tourisme et pour la culture citadine. En ce qui nous concerne nous cultivateurs paysans, le Burundi n’est pas ce que nous sommes en train d’apprendre àtravers cette musique. Il en faudrait plus.

Kumenyekanisha