Francine NIYONSABA yabaye uwa gatatu mw’ihiganwa DiamondLeague

1 28-05-2018 - saa 11:42, IGIHE

Umunonotsi w’umurundikazi Francine NIYONSABA yiruka imetero 800, yabaye uwa gatatu mw’ihiganwa rya DiamondLeague ryabereye mu gisagara ca Eugene, mu gihugu ca Reta Zunze Ubumwe za Amerika, kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 26 Rusama 2018.

Muri iryo higanwa, umunyafrika y’Epfo Caster Semenya yama ahanganye na Francine NIYONSABA, niwe yabaye uwa mbere yirutse imetero 800, mu munota umwe , amasegonda 55 n’ivyijana 92 (1’55".92).

Mu kibanza ca kabiri, haje umunyamerika Ajee Wilson , yirutse imetero 800, mu munota umwe, amasegonda 56 n’ivy’ijana 86 (1’56".86), akurikirwa na Francine NIYONSABA yazirutse mu munota umwe, amasegonda 56 n’ivyijana 88 (1’56".88).

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Manirakiza Elie 2018-05-28 19:52:38

Manirakiza Elie None Niyo Saba Azo Ronka Umugabo ? Kadinawe Arumugabo

Kumenyekanisha