Fizzo yongereje "TATOUAGES" ku maboko yiwe

1 19-10-2017 - saa 11:38, Egide NDUWIMANA

Inyuma y’igiteramo aherutse gukorera mu gihugu c’Ubutaliyano, Fizzo yagiriyeko ashira "Tatouages" ku kuboko kwari gusigaye kutayifise.

Amafoto arico aca ku mbuga ngurukanabumenyi, yerekana Big Fizzo, "Bantu Bwoy" yicaye imbere y’umuzungukazi nawe ariko amucapako.

Si ubwa mbere Fizzo ashira "Tatouages" ku mubiri wiwe, nk’uko biboneka ku kuboko kwiwe kw’i buryo. Iyo yahorana avuga ko yayitiriye umuvyeyi wiwe, tukaba tutarashobora kumuronka kugira atubwire ico iyo yindi yashizeko isigura.

Ivyo biriko bibera mu gihugu c’Ubutaliyano aho yari yagiye mu giteramo cabaye kw’igenekerezo rya 14 Gitugu.

Tubamenyeshe ko Fizzo ari kumwe n’umurwi wiwe +257 Band bagiye kuzohora bateramisha abantu kuri Lacoste Beach, aho ni kuva kw’igenekerezo rya mirongo ibiri n’umunani Gitugutu uno mwaka.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Francis Bakunda 2018-03-29 17:51:03

Andika hano Big Fizo

Kumenyekanisha