Fizzo arahakana ko atari ikiburasoni, imburakimazi canke umusuma

0 21-11-2017 - saa 12:29, IGIHE

Fizzo yumvikanye mu ruririmbo yakoranye na Mr Champagne aho yatanze ubutumwa bwiwe mu rurimi rw’igifaransa ibitari bimenyerewe cane. Ururirimbo rwumvikana nabi cane nkaho rwoba rwasohotse hataragera.

Mu ruririmbo "Qu’est ce qu’il y a" Fizzo yakoranye na Mr Champagne, rwumvikana Fizzo asa n’uwubaza ati :" Ni ibiki ?", naho biri uko, umuntu Fizzo abaza ntavugwa izina mu ruririmbo.

Muri urwo ruririmbo nyene, Fizzo araheza akisigura kuvyo aregwa n’umuntu atavugwa mu ruririmbo. Fizzo yisigura avuga ati :

" jewe si ndi umusuma,
jewe si ndi imburakimazi,
jewe si ndi ikiburasoni,
jewe si ndi bugabobwigaba.
Naramaze kuriha inzu yanje,
Naramaze kuri imodoka yanje,...

Fizzo arabandanya ati :" Nimba ngendana na mushikawe, nshobora kuba ndi muramwawe... raba ibikuraba.... ibindaba ndabikora.."

Ubwo butumwa butangwa mu ruririmi rw’igifaransa ibitari bimenyerewe cane kwa Fizzo. Ikindi n’uko ururirimbo "Qu’est ce qu’il y a", rwumvikana nabi cane, nkaho rwoba rwasohotse rutarahera gukorwa neza. Tukibaza tuti :" Mbega abaririmvyi barumviriza indirimbo zabo, imbere y’uko bazishira k’umugaragaro ?"

Tubibutse ko amajwi y’urwo ruririmbo yakozwe n’umuhinyanyuzi Yves Kolly, amasanamu nayo akaba ariko akorwa n’umuhinyanyuzi Andyllaires.

Umviriza aha munsi "Qu’est ce qu’il y a"

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha