Femit de Jabat agiye gutanguza iyandikwa ry’igitabu kivuga ku baririmvyi n’indirimbo ndundi

0 29-01-2018 - saa 16:55, IGIHE

Umuririmvyi rurangiranwa Nsengiyumva Félicien Minani azwi kwizina rya Femi de Jabat, asanzwe aba mu gihugu ca Norvège, agiye gutaha mu gihugu c’amavukiro kw’igenerezo rya 29 Nzero 2018.Mu bimuzanye, harimwo gutanguza igitabu c’indirimbo ndundi, kivuga kandi ku buzima bw’ababaririmvyi yise « encyclopédie de la musique Burundaise », hamwe no gutanguza ibikorwa vya Fondation Femi de Jabat.

Nkuko bivugwa na Solange MURERWA, umunyabigega akongera akaba ajejwe gutumatumanako amakuru muri Fondation Femi de Jabat, intumbero y’igitabu kijamwo umuziki w’abarundi n’abaririmvyi , niyo kugira ububiko bw’umuziki.

Kubwa Solange MURERWA,ico gitabu kikaba nk’iratiro ry’umuziki ku buryo uwukeneye wese kumenya indirimbo z’umurundi, inyandiko yazo, akamenya aho aronderera.

Mu migambi ya Fondation Femi de Jabat, nkuko Solange MURERWA abandanya abivuga, harimwo ugufasha abatishoboye.

JPEG - 24.4 ko
Umuririmvyi Nsengiyumva Félicien, batazira Femi de Jabat

Muri iyo ntumbero, Femi de Jabat ategekanya kuzogendera abagendana ubumuga, guhimiriza abatwa ngo baje kw’ishure, gufasha abatishoboye.

Muri ukwo kugendera abafise ubumuga, Femi de Jabat ategekanya gutanga imfashanyo ku bagendana ubumuga bo muri zone Nyambuye muri Komine Isare, ari naho Femi de Jabat asanzwe avuka.

Femi de Jabat akaba ariwe yaririmvye ururirimbo « Ukuba kw’isi nukwitonda » rwaryoheye abatari bake mu myaka ya mirongo icenda

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha