Femi de Jabat :« Nipfuza ko ibikorwa vy’abaririmvyi bitazimangana »

0 29-01-2018 - saa 17:46, IGIHE

Femi de Jabat, umuririmvyi rurangiranwa w’Umurundi asanzwe aba mu gihugu ca Norvège, kuva kur’uyu wa mberer itariki 29 Nzero 2018,abarizwa I Bujumbura. Mu bimuzanye, igikorwa nyamukuru kikaba ari ugutanguza igitabu kigiye kuzojamwo ibikorwa vy’abaririmvyi.Femi ati nipfuza ko ibikorwa vy’abaririmvyi batozimangana.

Mu kiganiro yagiranye n’abamenyeshamakuru, Femi de Jabat yamenyesheje ko ata muririmvyi azokumirwa muri ico gikorwa, akavuga ko intumbero ari iyo guteza imbere abaririmvyi bo mu mihingo yose.

Femi ati : « Hariho abaririmvyi bari hagati mu gihugu bataronka akaryo ko kuja ahabona kandi bari bafise impano nini mu muziki.Intumbero y’ico gitabu ni uko abaririmvyi boronka aho bisanga, kikaba nk’iratiro ry’ibikorwa vyabo, atawukumiriwe. »

Femi de Jabat yongeye aramenyesha ko bategekanya gukora amasanamu (documentaire) y’ubuzima bw’umuziki ndundi.

Jean Bosco NZIGAMIYE, yaserukiye ubushikiranganji bw’inkino n’imicokama, avuga ko intambwe Femi de Jabat yateye ari iyo gushima no gushigikira, akamenyesha ko Reta ifise imigambi yo gukomeza ibisata vy’akaranga n’inkino.

Femi de Jabat akaba ategekanya gutanguza icese ibikorwa vyo gutunganya igitabu yise « encyclopédie de la musique Burundaise » kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 31 Nzero 2018 kw’ihoteri Star Hotel, ari kumwe n’imvukira za Bubanza, Cibitoke na Bujumbura.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha