Felix MPOZERINIGA :«Amatati hagati y’abakozi n’abakoresha ava kukutamenya amategeko abagenga.»

1 26-09-2018 - saa 16:01, vianney

Umushikiranganji w’abakozi n’akazi Felix MPOZERINIGA amenyeshako amatati akunda kwiyadukiza hagati y’abakoreshwa n’abakoresha kenshi ava kukutamenya amategeko agenga akazi kenshi bikava kugusamara kw’abakoreshwa badasoma neza amategeko canke amayeri y’abakoresha.

Ivyo yabishikirije kuruyu wa gatatu igenekerezo rya 26 Nyakanga umwaka wa 2018 aho yariko yishura ku bibazo vy’abashingamateka kubijanye n’ingene umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro vy’abakozi n’akazi CNDS uko ukora n’ingene utunganiriza abawituye.

Felix MPOZERINIGA yasavye abakozi n’abakoresha gusoma neza amategeko abagenga bongere bayubahirize kugira bifashe gukinga amatati akunze kwiyadukize bitumye no kutamenya amategeko.

Umurwi w’igihugu ujejwe ibiganiro vy’abakozi n’akazi CNDS(Comite Nationale de Dialogue Sociale) ujejwe gutunganya ibiganiro hagati y’abakozi n’abakoresha ,gukinga amatati ashobora kwaduka hagati y’umukozi n’umukoresha hamwe no gufasha gutorera umuti w’ibibazo vyibonekeza mu kazi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
nkurunziza arexis 2018-11-07 16:22:03

Andika hano egonivyiza gutuganiriza abakozi twebwenkabakozi agateka kacukarakundaguhonyarwa najenasaba iryoshirahamwenkukoryiyemejegukoraneza nasabamugukora rikorerenabakozibomunzukuko agatekakabokarahonyarwacane nasabakobotugarukiranatwemwobamukoze

Kumenyekanisha