FIFA : USA/Canada/Mexique zitorewe gutunganya igikombe c’isi muri 2026

1 13-06-2018 - saa 13:16, IGIHE

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Canada na Mexique nivyo bihugu bitowe kugira bizokwakire ihiganwa ry’igikombe c’isi co mu mwaka wa 2026. Ivyo bihugu bitatu biri hamwe vyaronse amajwi 134, mu gihe igihugu ca Maroc caronse amajwi 65, mu matora yabereye i Moscou mu gihugu c’Uburusiya, mu nama igira iya 68 ya FIFA.

Uwaserukiye ibihugu vya Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Mexique na Canada yavuze ko ari umunezero kuba batowe kugira bazokwakire ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026, kandi ashimiye ababashizeko icizere, aca yipfuriza imirwi igiye gukinira mu gihugu c’Uburusiya kugira ibihe vyiza.

Mw’ijambo ryiwe, uwaserukiye ishirahamwe ry’umupira w’amaguru muri Maroc, yakeje abatorewe kwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 206, aca yemera ko bazobandanya gukora mu guteza imbere urukino rw’umupira w’amaguru no gukora ku neza y’urwaruka.

Yemeje kandi ko bagiye kubandanya bakora kugira indoto izobe ingiro, igihugu ca Maroc kizoshike aho cakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru.

Igihugu ca Maroc gitakaje amahirwe yo gutunganya ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru ku ncuro ya gatanu.

Iyo igihugu ca Maroc gitorwa, cari kuba kibaye igihugu ca kabiri co ku mugabane wa Afrika gitorewe gutunganya iryo higanwa, inyuma y’igihugu ca Afrika y’Epfo mu mwaka wa 2002.

Ku bibuga 23 bitegekanijwe kwakira ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mwaka wa 2026, Reta Zunze Ubumwe za Amerika zifise ibibuga 17, Canada 3, Mexique 3.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
jamari 2018-06-13 22:09:30

Andika hano

Kumenyekanisha