
Umurwi ujejwe amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, umenyesha ko hategekanijwe urukino rwa Super Coupe kw’igenekerezo rya 30 Ruheshi 2018. Urwo rukino ruzobera ku kibuga c’inkino c’intara ya Gitega.
Nk’uko biri mw’itangazo ry’umurwi ujejwe gutunganya amahiganwa mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru FFB, urwo rukino rwa Super Coupe, ruzohuza umurwi wa Messager Ngozi wabaye uwa mbere mw’ihiganwa Primus Ligue Burundi uno mwaka wa 2018, hamwe n’umurwi uzotwara igikombe c’umukuru w’igihugu.
Umurwi uzotwara igikombe c’umukuru w’igihugu uzomenyekana kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, inyuma y’urukino rwa nyuma ruzohuza umurwi Vitalo FC n’umurwi Delta Star wo mu Gatumba.
Nk’uko biri muri iryo tangazo, urukino rwa Super Coupe ruzotangura igihe c’isaha icenda inyuma y’umutaga.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!