FFB: Umurwi Transport FC wirukanywe mw’ihiganwa n’umurwi utunganya inkino

1 5-07-2018 - saa 16:49, vianney

Umurwi ujejwe gutunganya inkino mw’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB wirukanye mw’ihiganwa “Championnat National Ligue B” umurwi Transport FC waza mu kibanza ca kabiri mw’itsinda A warimwo mw’iryo higanwa.

Umukuru w’umurwi ujejwe amahiganwa Yussuf MOSSI amenyeshako inyuma y’amatohoza no kwihweza ivyibonekeje mu rukino rwayihuje n’umurwi BUMAMURU FC bafashe ingingo yo kuwukura muriryo higanwa.

Yussuf MOSSI amenyeshako urukino rwo kurondera umurwi uzobandanya ugasubira murico kibanza ruzoca ruhuza umurwi wa BUMAMURU FC hamwe n’umurwi wa Les Elephants Fc ku magenekerezo ya 7 na 10 Mukakaro 2018 .

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
BAZA Celestin 2018-08-02 17:57:54

umurwi Transport FC wahowe iki mu kwirukanwa mu mahiganwa kandi wari ufise ikibanza ca 2?

Kumenyekanisha