
Abakinyi, abamenyereza n’abarongoye imirwi bigenjeje neza mw’ihiganwa rya Primus Ligue Burundi ry’umwaka wa 2017 ushira uwa 2018, barahawe ubushimwe, mu birori vyatunganijwe ku mugoroba wo kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 1 Ruheshi 2018, vyise Soirée de Gala. Ivyo birori vyari vyatewe iteka n’umukuru w’ishirahamwe ry’umupira w’amaguru mu Burundi FFB, Reverien NDIKURIYO, na bamwe babaye abakinyi rurangiranwa mu Burundi.
Abakinyi baronse ubushimwe bari mu mice itatu, aho hari uwaronse agashimwe kuko yinjije ibitsindo vyinshi, uwaronse agashimwe kuko yaranze ihiganwa ry’umwaka wa 2017 ushira uwa 2018, n’umukinyi akiri muto yigenjeje neza mw’ihiganwa.
Abo bakinyi ni :
HAKIZIMANA Hamimu batazira Hapfizi akinira Inter star yabaye umukinyi muto yigenjeje neza yahawe 500.000 vy’amarundi.
SHAKA Bienvenue akinira Aigle noir yaronse agashimwe k’umukinyi yinjije ibitsindo vyinshi gusumba abandi yahawe umuriyoni w’amarundi.
URASENGA Cédric Danny Kagabo akinira Messager Ngozi ,yatowe nk’umukinyi yaranze ihiganwa rya Primus Ligue Burundi, nawe yahawe umuriyoni w’amarundi.
Ku ruhande rw’abamenyereza,, umumenyereza Jean-Jacques Eydelie wa Messager Ngozi , yahawe agashimwe k’Umumenyereza w’umwaka, nawe yahawe 700.000 vy’amarundi, mu gihe umupfasoni Marie Giesen, yahawe agashimwe k’umurongozi w’umurwi yaranze umwaka.
Kabaye n’akaryo ko gushira ahabona abakinyi 11 bagize umurwi waranze umwaka, abo nabo akaba ari :
Nahimana Jonathan,
Bigirimana Ramadhan,
Ndaye Chancel,
Ndizeye Samuel,
Ndoriyobija Eric,
Muryango Mabano Shabani,
Urasenga Cédric Danny Kagabo,
Ndizeye Seif Thomson,
Iddy Museremu,
Slim Saidi,
Shaka Bienvenue.
Ivyo birori vyari vyitambwe n’abakinyi b’abarundi bakina mu mahiganwa yo hanze basanzwe bari mu karuhuko, mu gihugu.
Abo Bakinyi Bavuye Hanze Nibande ?Hama Mumbwire Abakinyi Barca Iriko Irarondera.