FESTICAB 2018 : Abakinyi b’amareresi bahamagariwe kuyandikisha

0 16-01-2018 - saa 12:04, IGIHE

Isabukuru mpuzamakungu ry’amasinema n’amareresi mu Burundi FESTICAB rihamagarira abakinyi b’amareresi kwandikisha amareresi yabo, mu ntumbero yo kuyashira mw’ihiganwa ritunganijwe kuva kw’igenekerezo rya 4 gushika kurya 11 Rusama 2018.

Isabukuru mpuzamakungu ry’amasinema n’amareresi mu Burundi FESTICAB ryatunganije ihiganwa ry’amareresi uno mwaka, ku civugo :« Urwaruka, kwironderera akazi n’uburongozi . »

Amakuru dukura ku rubuga ngurukanabumenyi rw’isabukuru FESTICAB,amenyesha ko ico civugo catowe, bisunze ko urugero rw’urwaruka rutagira akazi rubandanya kwiyongera mu gihugu.

Ayo makuru nyene amenyesha ko icivugo catowe kugira bakangurire urwaruka rufise ingabire, ariko bafata umwanya wabo munini bakawujana mu kunwa ibiyayuramutwe.

Abakina amareresi bakaba bafise ikiringo co kwandikisha amareresi yabo, gushika kw’igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018.

Bitegekanijwe ko muri ico kiringo c’isabukuru FESTICAB 2018 kizomara indwi, hazotunganywa umwanya wo kwerekana amareresi atandukanye mu gihugu, inganda n’inyigisho.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha