Espagne: Abantu 330 bakomerekeye mu giteramo

0 14-08-2018 - saa 13:54, vianney

Abantu bangana 330 nibo bakomeretse mw’ijoro ryo kuruyu wa mbere buca ari ku wa kabiri igenekerezo rya 14 Myandagaro 2018 bari mu giteramo c’umuziki ujanye n’umuco kama “Marisquino Festival” mu gihugu ca Espagne.

Abarorerezi hamwe n’abakunzi b’ico giteramo bakomeretse inyuma yaho igice kimwe cegereye ikiyaga cahabera igiteramo gisenyutse bamwe bagwa mu mazi.

Abo bantu bakomeretse inyuma yaho murico giteramo umuririmvyi Rels B ariko araririmba yasavye abariko barorera gusimbagurikira icarimwe kugira ibirori biryohe kurusha.

Inyuma yo gusimbagurikira icarimwe ibiro vy’abarorerezi vyarushije uburemere imbaho zari zubatse aho bari bahagaze bica bituma zisenyuka gutyo abantu baba baguye mu mazi.

Abajejwe intwaro mu gace ka Vigo hafi y’ahabereye ico giteramo bamenyeshako icateye iyo mpanuka ari uburemere bwasenyuye imbaho abarorerezi bariko bavyinira icarimwe.

Ico giteramo cabera mu gisagara ca Vigo giherereye mu buraruko bw’igihugu ca Espagne mu gace kamenyerewe cane kuberamwo ibikorwa vyo kwinezereza mu bikorwa vyatunganijwe hakaba harimwo inkino zijanye n’izo mu mazi.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha