Elly’s yavuye mu gacerere yari amazemwo ikiringo kinini

0 4-11-2017 - saa 10:17, IGIHE

Elly’s Boy yavuye mu gacerere yahoramwo aca asohora ururirimbo. "Nikubembeleze rusohotse inyuma y’amezi makeyi uwo muririmvyi yubatse urwiwe kandi inyuma y’amezi atari make yemeye gusohora ururirimbo rukoze neza.

"Nikubembeleze" ni ururirimbo rushasha rwa Leonard yaramaze igihe kitari gito ariko arategura. Urwo ruririmbo rusohotse inyuma yaho abatari bake batanguriye kwibaza ibibazo kur’uwo muririmvyi.

Ivyo bitumwa n’uko mu kwezi kwa Ntwarante umwaka w’i 2017 yari yamenyesheje ko ariko yitegurira gusohora ururirimbo rumeze neza hamwe no gukora amwe mu masanamu y’indirimbo ziwe hamwe n’izo abakoranye n’abandi baririmvyi.

Turiko turondera uwo muririmvyi yamenyekanye cane mu ndirimbo nka "Siwezi" na "Me love U", ngo atange umuco ku coba catumumye amara hafi ikiringo c’umwaka ata ndirimbo canke ibiteramo abonekamwo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha