
Aba Islamu bo mu Burundi bifatanije nabo kw’isi yose kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ruheshi 2018, mu guhimbaza umunsi mukuru urangiza ikiringo c’ukwezi bari bamaze mu mapfungo. Umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero NKURUNZIZA akaba yipfurije umunsi mukuru mwiza aba Islamu bo mu Burundi.
Abicishije ku rubuga rwiwe rwa Twitter, umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA yamenyesheje ko yipfurije umunsi mukuru mwiza aba Islamu mu miryango yabo , umunsi mukuru w’urukundo no gusabikanya mu munezero.
Ati : Inyuma y’ukwezi kwose kwo kwisonzesha, gusenga no kwegera Imana, aba Islam bariko barahimbaza Eid-al Fitr. Tubipfurije umunsi mukuru mwiza mu miryango yanyu, umunsi mukuru w’urukundo no gusabikanya mu munezero.
Kwizonzesha mu kiringo c’ukwezi kuba Islam, ni imwe mu nkingi zitanu zigize idini rya Islamu kw’isi ; muri ukwo kwezi aba Islam barasenga bubahirije ibiringo bitanu vyo gusenga basabwa n’amategeko y’idini, bagakora ibikorwa vy’urukundo n’ibindi.
jewe iconovuga kuri iyonkuru ntakintu kibabaje nkukwica umupadiri ariko abamwishe bose imana irababona izobaha ibihano bihagije gusa nuko tutazi abakoze icokibi nukumusabira imana imwakire.