EconetLeo yatanze imfashanye mu mugambi Mera nk’abandi ibicishije muri Ecocash

5 9-06-2018 - saa 15:26, IGIHE

Ishirahamwe ryo gutumatumanako EconetLeo ribicishije mu buryo bwa Ecocash ryatanze imfashanyo y’amafaranga ibihumbi 40 kuri buri muryango ufise amikoro make n’ibibazo vyo gufungura nabi, muri komine Butanganzwa mu ntara ya Ruyigi mu mugambi wa Reta Mera nk’abandi.

Umuhuza b’ibikorwa mu mugambi w’igihugu “Mera nk’abandi” ujejwe gushigikira ingo zikenye gusumba izindi,Michel NYABENDA, yavuze ko bahisemwo ishirahamwe ryo gutumatumanako EconetLeo kuko rifise ubuhinga bwo gutanga amafaranga bubangutse kandi butazimvye “Ecocash” bifasha kugira imiryango ironswe ayo mafaranga mu mutekano ata bwoba ifise.

Michel NYABENDA yavuze ko iyo mfashanyo batanga biciye muri Ecocash ya EconetLeo ari mu ntumbero yo gushigikira iyo miryango kugira ihindure ivyiyumviro, ikore imigambi yo kwiteza imbere ibone kuva mu bukene yongere isezerere gufungura nabi.

Mariya NDAYISHIMIYE ari mu baronkejwe iyo mfashanyo biciye muri Ecocash yavuze ati : “ Ndashimira ishirahamwe EconetLeo kuko yaturonkeje amaterefone hamwe n’imirongo yayo bidufasha cane kugira turonswe amafaranga ku buryo bworoshe biciye muri Ecocash,kurya bama bavuga ngo terefone yawe n’ingondo yawe eka n’ivyo.

Mariya NDAYISHIMIYE yavuze ko iyo mfashanyo baronswa yabagiriye akunguko kanini, kuko ubukene barimwo bwagabanutse kandi ubu bashobora kugura ibitungwa bakorora ndetse bakaronka n’uburyo bubafasha mu bikorwa vyo kurima.

Imitumba 20 kuri 39 yo muri komine Butanganzwa mu ntara ya Ruyigi, niyo izoronswa iyo mfashanyo mu mugambi w’igihugu MERA NK’ABANDI.

Imiryango izoronswa iyo mfashanyo y’umugambi w’igihugu MERA NK’ABANDI biciye muri Ecocash ya EconetLeo ingana ibihumbi 48 yo mu ntara ya Ruyigi,,Karusi,Kirundo hamwe n’intara ya Gitega, buri ntara hagatorwa amakomine 4 iyo mfashanyo ikazotangwa mu kiringo c’imyaka 3.

Photos : ECONET LEO

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Nkurunziza Felix 2018-06-15 13:17:35

Nivyiza Kuba Mwarayabahaye Ewe Econet Leo Waje Hageze Uraza Natwe Mudukubitirek Ivyo Vyiza Vyanyu

2
Elie Makamba 2018-06-11 19:15:35

Nangwa Izindi Ntara Nazo.

3
Nsabimana Jean Marie 2018-06-10 12:19:35

Jewe naje ndabishimye nubwo ntarimwo Nibabandanye kuba hafi abadafise nabo bamere nkabandi,None bayatanga bisunziki ? uwo bayaha baba bamuzi ?Murakoze

4
Chadrack Ntakirutimana 2018-06-09 17:34:16

Nivyiza Cane Natwe Muraza Kudukubitirako Hano Iwacu Muri Komine Gasorwe Muzoba Mukoze.Umutumba Kiremba.

5
Emerusenge 2018-06-09 17:19:47

Asha Nibabafashe Ni Vyiza. Ariko Nukw’ukwmenga Hari Imitumba Bibagiye. Mbe Nayo Izoshikirwa ?

Kumenyekanisha