Econet Leo yadugije ibiciro vy’uguhamagarana

7 6-01-2017 - saa 10:57, Egide NDUWIMANA

Ishirahamwe ry’ugutumatumanako Econet-Leo ryadugije ibiciro vy’uguhamagara, bitewe n’uko itagisi ry’uguhamagarana ryadugijwe bisabwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, mu nteguro nshasha y’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2017. Iryo tagisi ryakuwe ku mafaranga 42 ku munota, rishirwa ku mafaranga 52.
Econet-Leo yaciye iduza ibiciro vy’uguhamagarana. Ku banywanyi bakoresha ivyo bita "Flottes", umunota umwe wakuwe ku mafaranga 50 ushirwa kuri 60. Nayo abanywanyi bahamagarana (...)

Ishirahamwe ry’ugutumatumanako Econet-Leo ryadugije ibiciro vy’uguhamagara, bitewe n’uko itagisi ry’uguhamagarana ryadugijwe bisabwe n’inama nshingamateka na nkenguzamateka, mu nteguro nshasha y’amafaranga Reta y’Uburundi izokoresha mu mwaka w’2017. Iryo tagisi ryakuwe ku mafaranga 42 ku munota, rishirwa ku mafaranga 52.

Econet-Leo yaciye iduza ibiciro vy’uguhamagarana. Ku banywanyi bakoresha ivyo bita "Flottes", umunota umwe wakuwe ku mafaranga 50 ushirwa kuri 60. Nayo abanywanyi bahamagarana bisanzwe hagati yabo, igiciro c’umunota umwe cari amafaranga ijana, ariko ubu akaba ari 110.

Abanywanyi ba Econet-Leo bahamagara ku yindi mihora bazoriha amafaranga 178 ku munota, mu gihe yahora ari 168.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
fidele nzikokirantevye 2017-01-12 23:27:57

mugabo nizo shirahamwe zirakenye nanje ngiye kuyita nitungire smt

2
Nowera Nimbona 2017-01-09 04:35:16

Nibaduze bazobura nivyo baduza,none kuduza amatagisi nyumurengera bizobafasha iki? ubwo nubujuju! uwuduza amatagisi aduza iyabona abenigihugu bageze kurugero rushimishije kubutunzi. None umuryagihugu aragenda rugatuma rwamatagisi yumurengera! aje gusongongera nakahuha.

3
Ikori 2017-01-06 18:58:35

Kumwe kwo kuri Micombero nako Micomibi, hagiye kuba ikori ry’umutwe. None ko ba sokuru baca baja i Buganga ubu naho muja kuyaca hehe? Aba DD komere.

4
TINYA 2017-01-06 18:15:35

Na bado arabamara murabona iki utararihira agatongo kawe atazi ningene kabonetse.

5
Karorero 2017-01-06 16:40:59

Ngofatibihano ryabuy ritembagara riduga,turira amapine bifotiy za pass port,non ko bwamujer nabwo bugiy kuvyimbira sutama hano leta nikomez kurwiza ikori.

6
Mag 2017-01-06 14:52:29

Iyomanda Ntawidahitana Nukuri

7
Ngoya 2017-01-06 14:48:33

Reka Leta ibanunuze ; none mwari muzi ko azova mu mupfuko wa Nkurunziza canke wa president w’inama nkenguzamateka?

Kumenyekanisha