
Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru EconetLeo ryagiriraniye amasezerano n’insamirizi hamwe n’imboneshakure vy’igihugu ku muhingamo wo kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 14 Ruhuhuma 2018. Ayo masezerano yashizweko umukono, mu ntumbero yo kworohereza abanywanyi ba EconetLeo gukurikira amakuru n’ibiganiro vy’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu (RTNB), bakoresheje ubuhinga ngurukanabumenyi mu materefone ngendanwa.
Mw’ijambo yashikirije,Nepias Njaravaza, arongoye ishirahamwe Econet Leo, yavuze ko ashimishijwe n’amasezerano bashitseko, amenyesha ko abanywanyi ba Econet Leo bagiye kworoherwa aho bari hose, mu kuronka amakuru n’ibiganiro biciye mu buhinga bwa none buzanywe na Econet Leo.
Ku ruhande rwiwe, Salvator NIZIGIYIMANA, umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure nkuru vy’igihugu amenyesha ko ari umunsi udasanzwe ku banywanyi b’iradiyo n’imboneshakure vy’igihugu, hamwe n’abanywanyi ba Econetleo, ku ntambwe itewe mu ntumbero y’ukworohereza abanywanyi babo kugira baronswe amakuru n’ibiganiro ku mwanya wose, aho bahereye hose.
Umuyobozi mukuru w’insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu avuga ko binjiye mu buhinga bwa none bwo gutanga amakuru ku banywanyi.
Salvator NIZIGIYIMANA arongoye insamirizi n’imboneshakure vy’igihugu yamenyesheje ko ko azomenyesha vuba aho ubwo buhinga bwa none buzotangurira gukora.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!