EcoCash yatanze bonus ya 10% ku mafaranga urungikiwe n-abari hanze biciye kuri Worldremit

2 27-03-2017 - saa 14:01, Jean de Dieu M.

Ni ibintu bitari bimenyerewe mu Burundi, mu bikorwa vy’ukurungikirana amafaranga hakoreshejwe telephone ngendanwa : Umunywanyi wa EcoCash aronse amafaranga arungikiwe n-abari hanze EcoCash ikamwongera ayandi muri bonus y-ibice 10% vy-ayo mafaranga.
Amasezerano y’ugukorera hamwe ari hagati ya Ecocash hamwe na Worldremit afasha abantu bari hanze y’igihugu gushobora kurungikira amafaranga abari mu Burundi bakoresha Econet leo mu ma konti yabo ya EcoCash. Abo bari hanze mu bihugu nka (...)

Ni ibintu bitari bimenyerewe mu Burundi, mu bikorwa vy’ukurungikirana amafaranga hakoreshejwe telephone ngendanwa : Umunywanyi wa EcoCash aronse amafaranga arungikiwe n-abari hanze EcoCash ikamwongera ayandi muri bonus y-ibice 10% vy-ayo mafaranga.


Amasezerano y’ugukorera hamwe ari hagati ya Ecocash hamwe na Worldremit afasha abantu bari hanze y’igihugu gushobora kurungikira amafaranga abari mu Burundi bakoresha Econet leo mu ma konti yabo ya EcoCash. Abo bari hanze mu bihugu nka nk’Ubufaransa, Ubuhorande, Suède, Ububirigi, Espagne, Ubwongereza, Norvège, n’ahandi baraheza bagaca ku rubuga ngurukanabumenyi ( www.worldremit.com)
bagaheza bakuzuza ibisabwa kugira ngo barungike amafaranga. Hanyuma bakemeza.

Ayo mafaranga arungitswe ava mu mahanga ashikira muri terefone ngendanwa y’umunywanyi wa EcoCash, bishobojwe mu masezerano y’ugukorera hamwe hagati ya EcoCash na Worldremit. Ubu rero, umunywanyi aronka ayo mafaranga bamurungikiye EcoCash igaca imwongera akarusho k’ibice icumi kw’ijana 10% vy’ayo amafaranga avuye mu mahanga umunywanyi wa Ecocash aba arungikiwe. Ako karusho gashoboka ku mafaranga avuye mu mahanga biciye kuri Worldremit.

Umunywanyi wa EcoCash araheza akabikura amafaranga yiwe igihe cose avyifuje ku mukozi wa EcoCash aho ari hose, ku biro vya Econet leo aho biri hose, ibiro vy-ubudandaji vya EcoCash, canke ku mashirahamwe asanzwe akorana na EcoCash nka INTERBANK, FINBANK, POSTES, COOPEC, MUTEC, KAZOZA.

Ububiko bw’amafaranga bwa EcoCash muri terefone ngendanwa bufasha guhanahana amafaranga bitagoranye, ku butaka bwose bw’Uburundi. Umunywanyi ararungika canke akarungikirwa amafaranga muri telephone ngendanwa yiwe.

Amafaranga arungitswe ashika nk’ubutumwa bugufi (Message), muri terefone ngendanwa y’umunywanyi wa Ecocash.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
NIYONAHABONYE EPIMAC 2017-03-29 21:27:15

nivyiza birahimbaye ariko nuko mwibagiye ibihugu nka tanzania -urwanda -kenya - congo iharanira intwaro rusangi nibindi ... ntakuntu mwoshiramwo na tanzania ?

2
Ntakaburimvo 2017-03-28 15:54:39

Ni vyiza caane, ariko ntitwibagire ko bamurungikira ama devises, Ecocash ikamuha amarundi kuri taux ya banque centrale!! RIEN NE SE PERD, RIEN NE SE CREE, TOUT SE TRANSFORME.

Kumenyekanisha