Double Jay na Franck Duniano bariko bategura amashishiro buca bajana iwabo.

1 21-11-2017 - saa 10:24, IGIHE

Franck Duniano na Double Jay bariko bitegura gutwara ibiseke vyuzuye ingemu mu ntara bavukamwo. Muri Ikoh bavuga ko integuro z’ibirori vyo guherekeza abo baririmvyi bigeze kure cane naho hari bimwe bimwe bitarahera.

Abaririmvyi bariko babica bigacika muri wa mugambi "You’ll Love Changes Voll" wa Ikoh Multiservice bariko bitegura bararangiza imyiteguro yo kurangiza igikorwa bari bamazemwo umwaka.

Umugambi "You’ll Love Changes Vol2" ugiye kurangizwa n’ibiteramo bigiye kuba mu mpera z’uno mwaka. Amakuru ava muri Ikoh aremeza neza ikirangaminsi ibiteramo bizoberako. Muri iyo ntumbero nyene abaririmvyi Double Jay Wakali na Franck Duniano bahisemwo gusubira iwabo.

JPEG - 41.5 ko
Franck Duniano

Franck Nzima Duniano atera akamo incuti abagenzi, ababanyi biwe n’abakunzi b’umuziki ndundi ko bomutegera aho azosangira nabo umunsi mukuru wa Noheli, aho ni kw’igenekerezo rya 25 Kigarama 2017.

Igiteramo c’agakura kizobera mu ntara yiwe ya Makamba ku kibuga c’umupira w’amaguru. Aho niho azobashikiriza igikorwa amaze umwaka ategura. Franck Duniano ati :" Itakuwa nguvu".

Umuririmvyi Double Jay Wakali na wenyene ntiyibagiye ab’iwabo. Eka nawe azokwishikira guteramisha ab’i Gitega kw’igenekerezo rya 23 Kigarama. Vyumvikana ko Franck Duniano azobanza kumufasha imbere y’uko bajana I Makamba. Double Jay nawe ati :" MPa akanya."

JPEG - 36.3 ko
Double Jay

Tubajije muri Ikoh ko abo baririmvyi bazotamba birorera, Haruna atubwira ko hari n’ibindi bihangange vy’abaririmvyi bizofadikanya muri ivyo biteramo, abandanya avuga ko amazina agiye gusohoka vuba.

Ikoriciza Haruna aremeza ko uburambe bafise mu gutegura ibiteramo buzotuma batanga ibiteramo vy’iteka.

Turangize tubibutsa ko igiteramo ca nyuma kizorangiza urwo rukurikirane kizobera mu gisagara ca Bujumbura.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Niyimbona Emily 2018-11-01 19:40:45

Mrc Sana Double Jay.Ndagukunda Cn Arik Icogiteramo Ntaconigezenjamwo Kubera Ntabimeny.Mwotubwira Ukunt Mwipanze Kunoel Yuwumwaka Wa2018 ?Turabitez Cn Double Jay Ndagukunda San Tubwir Bishasha Vyuyumwaka Rer Tuzotwitabe Turibesh Vyobavyiza

Kumenyekanisha