Desire MUSHARITSE: “Imiriyaridi hafi 28 niyo amaze gutozwa mu guterera amatora ya 2020”

4 29-09-2018 - saa 15:39, vianney

Umuvugizi w’ubushikiranganji bw’ikigega ca Reta Desire MUSHARITSE amenyeshako amafaranga angana imiriyaridi hafi 28 y’amafaranga y’amarundi ariyo amaze gutozwa mu gikorwa co guterera amatora yo mu mwaka wa 2020.

Mu kiganiro c’abavugizi b’inzego za reta caremeshejwe kuruyu wa gatanu igenekerezo rya 29 Nyakanga 2018,Desire MUSHARITSE yavuze ko imiriyaridi irenga 14 y’amafaranga y’amarundi ari ayatanzwe n’abakozi bareta,abagwizatunga hamwe n’abanyagihugu mu gihe imiriyaridi irenga 13 y’amafaranga y’amarundi ari intererano yavuye muri reta.

Uyo muvugizi w’ikigega ca reta avuga ko mu misi iri imbere umushikiranganji w’ikigega careta azotanga ikiganiro kugira amenyeshe ido n’ido rijanye n’ayo mafaranga agenewe amatora yo mu mwaka wa 2020.

Kubijanye no gusubiramwo uko ayo mafaranga yotangwa,Desire MUSHARITSE yavuze ko hari inzego zibijejwe hamwe naho bica mu kugiranira ibiganiro.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
ruberintwari anaclet 2018-10-09 15:54:53

hiiiiiiiiiiiimmmmm, mbega ko tumenyeshwa ayamaze gutangwa, mwoba mwaratubwiye ayakenewe kugira tumenye ayasigaye gutangwa ayariyo.
Hama muyo Leta itegekanya gukoresha, ay’amatora arimwo, murayo avurwa bashizemwo ayategekanijwe na Leta???
Mwebwe mwabishinze, IKORI RY’UMUTWE RIZOTUVAKO RYARI???????????????????

2
MAMERT 2018-10-03 22:00:31

KABISA KUMAHERA TWATANZE TWARAGERAGEJ KWER AHUBWO AMATORA AZAGENDE NEZ 100/100 KUGIRA UBURUND BWIYAMIRE MUMAHORO

3
Urinzigo 2018-10-01 17:31:03

@Busurahenda
Wewe unezerwa ubonye abijiriwe gusa?

4
Busurahende 2018-09-30 05:43:49

Eh, umugabo yashimye cane aho igikorwa co kwonka/ kununuza abanyagihugu bakigejeje! Ndabire ingene yatwenze gushika n’aho iminwa itabuka.

Kumenyekanisha