Deo Guide RUREMA: “Amazi ya Tanganyika yahinduye ibara nta ngaruka bifise ku magara y’abantu .”

1 11-09-2018 - saa 14:43, vianney

Umushikiranganji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi amenyeshako inyuma yaho hibokeje amazi y’ikiyaga Tanganyika ahinduye ibara k’umusi wa mbere agasa n’akatsi kabisi ,ata ngaruka vyagize ku mazi meza yo murico kiyaga asanzwe anyobwa n’abantu kandi ata ngaruka mbi bifise ku magara y’abantu ariko biri mu bituma umwibu w’amafi wiyongera.

Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru umushikiranganji w’ibidukikije,uburimyi n’ubworozi Deo Guide RUREMA yamenyesheje ko bamaze kumva ko amazi yatanganyika yahinduye ibara baciye barungika abahinga babijejwe hamwe nabo mw’ishirahamwe REGIDESO basanga amazi meza atigeze ashikirwa n’iryo hinduka ry’ibara ry’amazi ,kandi iryo bara ry’akatsi kabisi kibonekeje gusa hejuru ritashitse k’uburebure buja mu kuzimu.

Deo Guide RUREMA avuga ko amazi meza asanzwe akoreshwa atorwa ku metereo 25 uja mu kuzimu.

Uyo mushikiraganji avuga kandi ko abarovyi basanze aho ku kiyaga baryohewe n’iryo hinduka ry’ibara ry’amazi y’ikiyaga Tanganyika kuko bituma umwimbu w’amafi mu kiyaga wiyongera.

Deo Guide RUREMA yavuze ko abo barovyi bemeje ko iryo hinduka ry’ibara ry’amazi mu kiyaga Tanganyika ryigeze kwibonekeza mu mwaka wa 2008.

Deo Guide RUREMA asaba abanyagihugu kubandanya bakingira ikiyaga no kutagicafuza,abarovyi nabo abasaba guheba gukoresha ibikoresho bitemewe n’amategeko mu kuroba.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
irakoze elyse 2018-09-11 21:38:13

iryohinduka kwatacoryonona ahubwo ryongra umwimbu ndawukeje kbx

Kumenyekanisha