DJ Spinny ari i Bujumbura kugirisha igiteramo ca mbere ca Silent Disco

0 16-02-2018 - saa 10:37, IGIHE

Kalisa Joseph bataziza DJ Spinny,ava mu gihugu c’Ubuganda, akaba akora akazi ko kuvuza umuziki (Disc Jockey), kuva ku mugoroba wo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 15 Ruhuhuma 2018, abarizwa I Bujumbura, akaba azanywe no kuremesha ibiteramo vyiswe « Silent Disco », bitegekanijwe kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 16 Ruhuhuma 2018, kuri Zion Beach, hamwe no ku munsi wa gatandatu igenekerezo rya 17 Ruhuhuma2018 kuri Pacha Club.

Silent Disco ni irya mbere ibaye mu Burundi, ubwo buryo bwo kwumviriza no gutamba umuziki bambaye ama kasike(casque/écouteurs), ata muziki wumvikana mu kibanza barimwo.

DJ Spinny, aho yashika ku kibuga c’ingege ca Bujumbura igihe c’isaha 16h30, yavuze ko anezerejwe no kuba ashitse mu Burundi guteramisha abakunzi b’umuziki.

Spinny avuga ati « Naripfuje kuva kera kuza guteramisha bene wacu b’abarundi ariko ntivyari bwankundire ko ndahashika.Kuri jewe ni umunezero udasanzwe kuba ndi ngaha, abarundi ndabakunda cane, niyo mpamvu naje kugira turyohererwe hamwe muri Silent Disco. »

Gretta KWIZERA, atunganya ibiteramo vya Silent Disco, avuga ko Silent Disco ari uburyo bushasha azanye ku bakunda kwidagadura, na cane cane abakunzi b’umuziki no gutamba.

Gretta KWIZERA asigura ko uwuja muri Silent Disco aronswa Casike (casque/écouteurs), yinjirana hakaba hari aba DJ 6 bavuza imiziki itandukanye, umuntu akumviriza indirimbo z’umu DJ ashatse.

Muri ivyo biteramo ,DJ Spinny aza kuba ari kumwe n’abandi ba DJ b’abarundi baza gufashanya nka DJ Vampire, DJ Philbert, DJ Israel, DJ Yan Santana, na DJ Patman.

Ukwinjira muri Silent Disco haba kuri Zion Beach canke kuri Pacha Club ni amafaranga 20.0000fr, bigatangura igihe c’isaha imwe y’ijoro gushika buce.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha