Cyclisme : Abatahukanye ibibanza vya mbere mw’ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga bamenyekanye

1 3-07-2018 - saa 19:21, vianney

Uwitwa L. Ahishakiye, w’umurwi Buffalo niwo yatahukanye ikibanza ca mbere mu bagabo mw’ihiganwa ryo gusiganwa ku makinga ku rwego rw’igihugu uyu mwaka wa 2018 aho yakoresheje amasaha 3 iminota 36 hamwe n’imisegonda 40 mu kwiruka ibirometero 106.

Amadi Uwimana, w’umurwi Akaranga,niwe aza mu kibanza ca kabiri akaba yakoresheje amasaha 3 iminota 36 hamwe n’imisegonda 41 mu gihe uwitwa Ciza, w’umurwi Buffalo yatahukanye ikibanza ca gatatu mu kwiruka ivyo birometero mu masaha 3 iminota 45 hamwe n’imisegonda 54.

Mu bagabo batarakwiza imyaka 18 , Thierry Irakoze, w’umurwi Akaranga niwe aza ubwa mbere yakoresheje amasaha 2 iminota 4 hamwe n’imisegonda 00’’ mu kwiruka ibirometero 66, Egide Ndayisaba w’umurwi Buffalo yakoresheje amasaha 2 iminota 4 hamwe n’imisegonde 3 mu kwiruka ivyo birometero mu gihe Jacques Nzeyimana w’umurwi Mirage aza ubwa gatatu mu kwiruka ibirometero 66 mu masaha 2 iminota 5 hamwe n’imisegonda 5.

K’ uruhande rw’abigeme ,Adelphine Nimfasha w’umurwi « Akaranga » niwe mwigeme yatahukanye ikibanza ca mbere mw’ihiganwa ryo gusigana ku makinga ku rwego rw’igihugu ry’uyu mwaka wa 2018 , akaba yakoresheje amasaha 2 ,iminota 36 hamwe n’imisegonda 51 mu kwiruka akoresheje ikinga ibirometero 66.

Uwaje mu kibanza ca kabiri n’umwigeme Yvonne Irankunda, w’umurwi wa Nyanza Lac yakoresheje amasaha 2 iminota 36 hamwe n’imisegonda 52 naho ikibanza ca gatatu gitahukana Goreth Niyonkuru w’umurwi wa Nyanza lac yirutse ibirometero 66 mu masaha 2 iminota 43 hamwe n’imisegnda 14.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Manirambona Methode 2018-08-26 22:18:19

Ngerageje Kuraba Nivyiza Cane Kuba Nigitsina Gore Naco Ubugiserukirwa Muvyinkino Nagomba Mbaze Uwo Mwigeme Adelphine Yabaye Uwambere Intara Avamwo Kugira Tumusabe Ubugenz Kuko Numva Ndamukunz Cane

Kumenyekanisha