CoupeDuMonde2018: Umunezero na PRIMUS ku ntsinzi y’ubufaransa

1 11-07-2018 - saa 18:57, Jean De Dieu

Mu gihe ubufaransa n’umumenyereza bwaraye butahukanye intsinzi mu gice gishira icanyuma c’igikombe c’isi yose aho Didier Deschamp, umumenyereza w’Ubufaransa, batsinze igitsindo 1-0 umugwi w’Ububirigi wa Thierry Henry, icegera c’umumenyereza . Abakunzi b’umupira w’amaguru bagaragaje umezero n’urukundo biciye mu kinyobwa PRIMUS.

Igihe c’isaha imwe n’iminota mirongo ine n’itanu, urukino rusigaje iminota icumi n’itanu ngo rutangure, abantu isinzi bari buzuye ku bunywero «Kumuganuro» bwo kw’ibarabara ry’indwi muri zone ya Bwiza. Ukwo abamenyesha makuru b’isamirizi Buja FM batangaza urwo rukino bari muri ubwo bunywero, nikwo abantu biyongera, urukino rukaba rwagiye gutangura ubunywero bwamaze kwuzura abantu.

Thierry NSABUMUGISHA, umwe muri benshi bari bashigikiye Ubufaransa, yamenyesheje avuga ati.«Ubufaransa butegerezwa gutsinda, kanatsinda burasumvya kuzibira no gusatira. Ntankeka ko intsizi baza kuyitahana.»

Kuruhande rwa Alice MANIRAKIZA, akaba umukunzi w’umugwi w’Ububirigi, kubwiwe Ububirigi nico gihugu gifise umugwi mwiza mu gikombe c’isi yose.

Mu buraruko bw’igisagara, muri komine ya Kamenge, urukino rwakurikiranywe n’abantu isinzi ku bunywero bwa Milan Royal bwo muri MIRANGO.

Kubwa Sylvestre NDIHOKUBWAYO wo mu bunywero Milan Royal, arashima igikorwa co gukundisha urukino rw’umupira biciye mu kinyobwa PRIMUS. «Kuva igikombe c’isi gitanguye, dusigaye tudandaza amakaziye angana 80 mugiye twahora tudandaza amakaziye atarenga 20»

Mu bunywero KUBAHUMURE bwo muri komine ya Kanyosha, nabo ntibari batanzwe, aho abakunzi b’Ububirigi, inyuma yaho umukinyi w’inyuma w’Ubufaransa Samuel Umtiti yatsinze ku munota wa 50, bagumye biteze kunganya, urukino rukaba rwatinze rurangira ababirigi bataronse igitsindo.

Muriyo ntumbero yo gukundisha urukino rw’umupira w’amaguru,utuganuke tugizwe n’imitaka, amakaramu, ibitenge, ibiyeri, n’ibindi, nivyo bihabwa abashoboye gutogwa muri benshi banyoye ikinyobwa ca PRIMUS.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Bwitonzi Thomas 2018-07-30 08:24:23

Andika hano

Kumenyekanisha