
Ihiganwa ry’igikombe c’isi ririko ribera mu gihugu c’Uburusiya ryarabandanije kur’uyu wa gatandatu igenekerezo rya 16 Ruheshi 2018. Umurwi wa Nijeriya, umwe muri itanu yaserukiye Afrika watsinzwe na Croatie ibitsindo bibiri ku busa.
Urukino rwa mbere rwo kur’uyu wa gatandatu, rwahuje umurwi w’Ubufaransa n’umurwi wa Australia, umurwi w’Ubufaransa watsinze Australia ibitsindo bibiri kuri kimwe, vyinjijwe na Antoine Griezman na Paul Pogba.
Urukino rwa kabiri rwahuje Argentine na Irlande, iyo mirwi yose yaranganije igitsindo kimwe ku kindi, umukinyi Lionel Messi akaba yarahushije panariti ku ruhande rwa Argentine.
Mu rukino rwa gatatu rwahuje umurwi wa Perou n’umurwi wa Danemark, urwa rukino rwaheze ku ntsinzi ya Danemark y’igitsindo kimwe ku busa, naho nyene umurwi wa Perou waronse penariti ariko umukinyi wayo akayihusha.
Mu rukino rwa nyuma rwo kur’uyu wa gatandatu, umurwi wa Croatie wakinye na Nijeriya, umurwi wa gatatu muri itanu yaserukiye Afrika, urwo rukino rwaheze ku ntsinzi ya Croatie y’ibitsindo bibiri ku busa.
Mwomenya ko mu bahagarikizi bahagarikiye urukino rwahuje Perou na Danemark umwe muri babiri bo ku ruhande yari umurundi, Jean Claude BIRUMUSHAHU.
Ndi Pfurije Imigwi Ya Africa Koyoterintabwe Ikaduha Mondiale.