
Urukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma mu gikombe c’isi yose kiriko kibera mu gihugu c’Uburusiya ,rurategekenijwe kuruyu wa kabiri igenekerezo rya 10 Mukakaro 2018 rukaza guhuza igihugu c’Ubufaransa hamwe n’umurwi nserukiragihugu w’Ububirigi igihe c’isaha zibiri z’ijoro.
Urundi rukino rw’igice ca kabiri gishira icanyuma rwitezwe ku musi w’ejo igenekerezo rya 11 Mukakaro 2018 rukazohuza igihugu c’Ubwongereza hamwe n’igihugu ca Croatie.
Abakwirikiranira hafi ibijanye n’umupira w’amaguru baha amahirwe menshi igihugu c’Ubufaransa ko arico gishobora gutahukana intsinzi ariko naho biruko igihugu c’Ububirigi cagiye kivyifatamwo neza kuva iki gikombe gitanguye kandi kikaba carakuyemwo ibihugu bitari bike vy’ibihangange nka Bresil n’ibindi.
Mu ntumbero yo kunezereza abakunzi bayo,ishirahamwe BRARUDI rifatanijwe n’Iradiyo Buja Fm muvyo bise “Primus Ubugenzi Mw’ihiganwa ifadikanije na BUJA FM” baraja kubashikiriza ikibiriraho urukino ruja guhuza Ubufaransa n’Ububirigi mu bibanza bikurikira ,Kumuganuro 2 – muri zone ya Bwiza ( Buja FM ) Milan Royal – mu Kamenge, hamwe na Kubahumure - mu Kanyosha
K’urukino ruzohuza igihugu ca Croatie n’igihugu c’Ubwongereza kw’igenekerezo rya 11 Mukakaro 2018 bazorubashikiriza ikibiriraho mu bibanza bikurikira Milan Royal – mu Kamenge (Buja FM),Bundes Liga Bar – mu Bwiza hamwe na La douceur – muri Rohero 1.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!