Coupe du monde 2018 : Ubwongereza na Suede vyashitse mu gice ca kane gishira icanyuma

0 4-07-2018 - saa 10:44, vianney

Ibihugu vy’Ubwongereza hamwe n’igihugu ca Suede vyaraye bironse itike ryo gukina igice ca kane gishira icanyuma mu rukino rw’umupira w’amaguru kw’isi,ihiganwa riri kubera mu gihugu c’Uburusiya.

Igihugu ca Suede catsinze igihugu c’Ubuswise igitsindo 1 k’ubusa bwa Suisse,igitsindo cinjijwe n’umukinyi Emil FORSBERG k’umunota wa 66 w’urukino.

Igihugu c’Ubwongereza catsinze igihugu ca Colombie bitoroshe na gato kuko umwanya utegekanijwe w’urukino warangiye iyo mirwi uko ari ibiri ingaya igitsindo 1 ku kindi mu nyuma ihabwa iminota 30 « Prolongation » iheza inganya, iza gutaturwa na za penaliti aho igihugu c’Ubwongereza cinjije 4 igihugu ca Colombie naco cinjiza 3,ubwongereza buca butahukana itsinzi.

Ubwongereza hamwe n’igihugu ca Suede gihambije ibihugu 6 mu gice ca kane gishira icanyuma arivyo Ububirigi,Bresil,Ubufaransa,Uruguay,Uburusiya hamwe n’igihugu ca Croatie.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha