Coupe du Monde2018 : Umurwi wahabwa amahirwe yo gutahukana igikombe watsinzwe urukino rwa mbere

0 18-06-2018 - saa 09:08, IGIHE

Ihiganwa ry’igikombe c’isi rirabandanya mu gihugu c’Uburusiya. Mu nkino zabaye kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Ruheshi 2018, umurwi w’Ubudagi uri muyihabwa amahirwe yo gutwara ico gikombe, watsinzwe n’umurwi wa Mexique, igitsindo kimwe ku busa.

Mu rukino rwa mbere rwabaye muri zitatu zari ku rutonde kur’uyu w’Imana igenekerezo rya 17 Ruheshi 2018, umurwi wa Serbie watsinze Costa Rica igitsindo kimwe ku busa, mu rukino rwasa n’uko imirwi yose inganya.

Mu rukino rwa kabiri ari narwo abakunzi b’umupira w’amaguru bari barindiranye igishika, umurwi w’Ubudagi ari nawo ufise igikombe c’isi co mu mwaka wa 2014, niwo wahabwa amahirwe, ariko urkino rwarangiye utsinzwe igitsindo kimwe ku busa n’umurwi wa Mexique.

Mu rukino rwa gatatu rwo kur’uyu w’Imana, umurwi wa Bresil nawo nyene uri muyihabwa amahirwe yo gutwara igikombe c’isi, wanganije n’igihugu c’Ubuswise, igitsindo kimwe ku kindi, naho nyene umurwi wa Bresil wasatiriye cane ariko bikanka ko uronka igitsindo co kurusha Ubuswise.

Kur’uno wa mbere hategekanijwe inkino zitatu : Urwa mbere ruhuza Suede na Koreya yo mu Bumanuko, Ububirigi bukine na Panama, Tuniziya, ikindi gihugu caserukie Afrika gikine n’Ubwongereza.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha