
Ihiganwa ry’igikombe c’isi ririko ribera mu gihugu c’Uburusiya ryarabanadanije kur’uyu wa mbere igenekerezo rya 18 Ruheshi 2018. Mu rukino rwa gatatu rwabaye, umurwi wa Tiniziya, ugira kane muri itanu yaserukiye Afrika waratsinzwe ibitsindo bibiri kuri kimwe n’umurwi w’Ubwongereza.
Urukino rwa mbere rwabaye rwahuje umurwi wa Suwede na Koreya yo mu Bumanuko, urukino rukaba rwaheze umurwi wa Suwede utsinze igitsindo kimwe ku busa bwa Koreya yo mu Bumanuko.
Igitsindo c’umurwi wa Suwede , cinjiye ku munota wa 65 w’urukino cinjijwe na kizigenza w’umurwi Andreas Granqvist, kuri penariti yatewe babanje kuraba ku masanamu y’imboneshakure.
Mu rukino rugira kabiri rwo kur’uyu wa mbere, umurwi w’Ububirigi werekanye ko ukomeye, inyuma yo gutsinda umurwi wa Panama ibitsindo bitatu ku busa, mu rukino rwariko rurabwa n’isinzi ry’abantu.
Igitsindo ca mbere c’umurwi w’Ububirigi cinjiye ku munota wa 47 cinjijwe na Dries Mertens, ibitsindo bibiri bikurikira vyinjizwa na Romelu Lukaku ku munota wa 69 n’uwa 75.
Mu rukino rwa nyuma rwari rwitezwe n’abanyafrika, umurwi w’Ubwongereza watsinze umurwi wa Tiniziya ku munota wa nyuma w’urukino, mu gihe abanyafrika bari bizeye ko n’imiburiburi hagiye kuboneka umurwi wo mu Afrika utahana inota.
Ibitsindo vy’Ubwongereza uko ari bibiri vyinjijwe n’umusatirizi Henry Kane , ari nawe kizigenza w’umurwi w’Ubwongereza.
Umurwi wa Senegal niwo usigaye utarakina mu mirwi yaserukiye Afrika, kur’uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruheshi, uwo murwi uza gukina n’umurwi wa Pologne, umurwi wa Misiri nawo ukino urukino rwa kabiri n’umurwi w’Uburusiya.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!