Coupe du Monde2018 : Umurwi wa Nijeriya waronse amanota atatu ya mbere utsinze Islande

0 23-06-2018 - saa 07:33, IGIHE

Ihiganwa ry’igikombe c’isi ririko ribera mu gihugu c’Uburusiya ryarabandanije kur’uno wa gatanu igenekerezo rya 22 Ruheshi 2018. Umurwi nserukiragihugu wa Nijeriya umwe muri itanu yaserukiye Afrika, watsinze umurwi wa Island ibitsindo bibiri ku busa, mu rukino rwawo rwa kabiri utahana amanota atatu ya mbere.

Mu rukino rwa mbere rwabaye kur’uyu wa gatanu, umurwi nserukiragihugu wa Bresil watsinze umurwi nserukiragihugu wa Costa Rica ibitsindo bibiri ku busa, ibitsindo vyinjiye mu minota ya nyuma y’urukino, vyinjijwe na Philippe Coutinho hamwe na Neymar.

Mu rukino rwa kabiri, umurwi wa Nijeriya, inyuma yo gutsindwa mu rukino rwa mbere n’umurwi wa Croatie ibitsindo bibiri ku busa, watsinze umurwi wa Island ibitsindo bibiri ku busa, ibitsindo vyose vyinjiye mu gice ca kabiri c’urukino vyinjijwe n’umukinyi Musa.

Urukino rwa nyuma rwo kur’yu wa gatanu rwahuje umurwi wa Serbie n’uwo Ubuswise, urukino rwaheze umurwi w’Ubuswise utsinze uwa Serbie ibitsindo bibiri kuri kimwe.

Kur’uno wa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, hakina umurwi w’Ububirigi uhura n’uwa Tiniziya, Koreya y’Epfo ikina na Mexique, urukino rwa nyuma ruza guhuza igihugu c’Ubudagi n’igihugu ca Suwede.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha