Coupe du Monde2018 : Ubufaransa muri 1/8 gishira ica nyuma, Argentine mu madidane

0 22-06-2018 - saa 09:40, IGIHE

Ihiganwa ry’igikombe c’isi rirabandanya mu gihugu c’Uburusiya. Mu nkino zo kur’uyu wa kane igenekerezo rya 21 Ruheshi 2018. Umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa waronse uburenganzira bwo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma, mu gihe uwa Argentine bitarasobanuka neza.

Urukino rwa mbere rwo kur’uyu wa kane rwahuje umurwi nserukiragihugu wa Danemark na Australia rurangira iyo mirwi ibiri yose inganya igitsindo kimwe ku kindi.

Mu rukino rwa kabiri, umurwi nserukiragihugu w’Ubufaransa wakinye n’umurwi wa Perou, umurwi w’Ubufaransa utsinda igitsindo kimwe ku busa bwa Perou, uca uronka uburenganzira bwo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma.

Urukino rwari rurindiriwe cane rwahuje umurwi wa Argentine n’umurwi wa Croatie, urwo rukino rwaheze Croatie itsinze Argentine ibitsindo bitatu ku busa ibitari vyitezwe n’abantu benshi.

Kur’uyu wa gatatu igenekerezo rya 22 Ruheshi 2018, hategekanijwe inkino zitatu : Bresil ikina na Costa Rica, Serbie ikine n’Ubuswise, Nigeria ikine na Island.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha