
Ihiganwa ry’igikombe c’isi ririko ribera mu gihugu c’Uburusiya ryarabandanije kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruheshi 2018, ku munsi waryo wa gatandatu. Umurwi wa Senegal umwe muri itanu yaserukiye Afrika waratahukanye amanota atatu ya mbere, umurwi w’Uburusiya nawo uronka amahirwe nka yose yo gukina igice c’umunani gishira ica nyuma.
Mu nkino zitatu zakinywe kur’uyu wa kabiri, urwari rurindiriwe cane n’abanyafrika ni urukino rwahuje umurwi wa Senegal n’umurwi wa Pologne, kuko rwari nk’icizere ca nyuma co kubona umurwi wigenjeje neza waserukiye umugabane wa Afrika, inyuma y’aho imirwi ine yose yari imaze gukina ata n’umwe wari bwaronke intsinzi.
Kuva ku munota wa mbere w’urwo rukino, umurwi wa Senegal warererekana ko waje ukeneye intsinzi ukaba wakinisha inguvu n’ubwitange, kuva ku ruhande rw’inyuma gushika ku ruhande rw’abasatirizi.
Ku munota wa 37, ku mupira w’inguvu watewe na Idrissa Gueye umukinyi wo hagati wa Senegal, umukinyi Thiago Rangel Cionek w’inyuma mu murwi wa Pologne yiyinjije mw’igori ry’iwabo, igice ca mbere c’urukino gihera ari igitsindo kimwe ca Senegal ku busa bwa Pologne.
Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi wa Senegal wabandanije ukoresha ubushake n’inguvu, ku munota wa 60 bivuye k’ukutumvikana hagti y’umukinyi w’inyuma wa Pologne n’umunyezamu Wojciech Szczęsny, Mbaye Niang yinjije igitsindo ca kabiri.
Ku munota wa 86, umukinyi wa Pologne Grzegorz Krychowiak yinjije igitsindo ca mbere c’umurwi wa Pologne, urukino ruca rurangiye ku ntsinzi y’umurwi wa Senegal w’ibitsindo bibiri kuri kimwe ca Pologne.
Mu zindi nkino, umurwi w’Ubuyapani watsinze umurwi wa Colombie ibitsindo bibiri kuri kimwe, umurwi w’Uburusiya nawo utsinda umurwi wa Misiri ibitsindo bitatu kuri kimwe.
Sahinguvu :nzokwishura ejo kumutaga
Kuberik Uburundi Mugikombe C’isiyose Budakina ????? Munyishure