
Imirwi ibiri muri itanu yaserukiye umugabane wa Afrika yasezeye ihiganwa ry’igikombe c’isi, inyuma yo gutsindwa inkino zibiri zibiri. Umurwi nserukiragihugu wa Maroc n’uwa Misiri mu nkino zibiri yakinye mu kurindira urukino rwa gatatu ntiyigeze itsinda urukino na rumwe.
Umurwi wa Maroc usezeye ihiganwa inyuma yo gutsindwa n’umurwi wa Portugal, igitsindo kimwe ku busa, igitsindo cinjijwe na Cristiano Ronaldo ku munota wa kane w’urukino, agiteye n’umutwe.
Naho hagisigaye urukino rumwe n’umurwi wa Espagne, urwo rukino ntaco ruzoza ruhindura kinini , kuko mu rukino rwa mbere, umurwi wa Maroc wari watsinzwe n’umurwi wa Iran igitsindo kimwe ku busa.
Umurwi wa Maroc uherekeje umurwi wa Misiri nawo watsinzwe kur’uyu wa kabiri n’umurwi w’Uburusiya ibitsindo bitatu kuri kimwe, mu gihe mu rukino rwa mbere Misiri yari yatsinzwe na Uruguay igitsindo kimwe ku busa.
Inyuma y’igitsindo yinjije mu rukino na Maroc, umukinyi Cristiano Ronaldo aciye aja mu kibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza rw’abamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi, kuko akwije ibitsindo bine.
Aba barabu mbanga urunuka nibagende