
Ihiganwa ry’igikombe c’isi mu mupira w’amaguru kiriko kibera mu gihugu c’Uburusiya kirabandanya. Ku munsi wa kabiri w’iryo higanwa kur’uyu wa gatanu igenekerezo rya 15 Ruheshi 2018, imirwi ibiri muri itanu yaserukiye Afrika yaratsinzwe inkino zayo za mbere.
Mu rukino rwa mbere rwatanguye igihe c’isaha indwi z’umutaga, umurwi wa Uruguay watsinze umurwi wa Misiri igitsindo kimwe ku busa, igitsindo cabonetse ku munora ushira uwa nyuma w’urukino.
Kuva ku munota wa mbere w’urukino, umurwi wa Misiri n’uwa Uruguay yose yerekana ko ishaka intsinzi, gushika ku munota wa nyuma w’urukino, aho umukinyi Jose Maria Gimenez wa Uruguay yinjije ku munota wa 90 w’urukino.
Mu rukino rugira kabiri rwatanguye isaha icumi n’imwe , umurwi wa Iran wahuye n’umurwi wa Maroc, urukino narwo nyene igitsindo cabonetse ku munota wa 89 w’urukino.
Nko mu rukino rw’igihe c’isaha indwi, umurwi wa Maroc waragerageje gukina usatira wongera uzibira, ariko mu mpera z’urukino, ku mupira utewe inyuma y’ikosa, umukinyi wa Maroc Aziz Bouhaddouz yinjiza mw’izamu ryiwe n’umutwe.
Mu rukino rwa nyuma rw’umunsi wa kabiri, umurwi wa Portugal wakinye n’umurwi wa Espagne, urukino ruhera iyo mirwi yose inganije ibitsindo bitatu ku bindi.
Igitsindo ca mbere ca Portugal cinjiye ku munota wa kane cinjijwe n’umukinyi Christiano Ronaldo kuri penariti, ku munota wa 24 umukinyi Diego Costa aca arakigombora, Christiano Ronaldo yinjiza ikindi ku munota wa 44 ku mupira waciye mu maboko y’umunyegori.
Mu gice ca kabiri c’urukino, umukinyi Diego Costa yinjije igitsindo ca kabiri ku munota wa 55, umurwi wa Espagne uca utsinda n’ikigira gatatu c’umukinyi Nacho ku munota wa 58.
Ku munota wa 88, umurwi wa Espagne usa n’uwamaze kwizera intsinzi, umukinyi Christiano Ronaldo kw’ikosa ryakorewe hafi y’izamu rya David De Gea, yinjije igitsindo ca gatatu , urukino ruca ruhera imirwi yose inganya.
Turashimiye Fifa Kukuntu Idahengeshanya Kuduha Amakuru Y’inkino
mubandanye muduh’ amakuru y’inkino uk bigenda kumwanya kumwanya