Coupe du Monde2018 : Uburusiya bwatsinze Arabie Saoudite mu rukino rwa mbere

1 15-06-2018 - saa 07:58, IGIHE

Umurwi nserukiragihugu w’Uburusiya watsinze urukino rwawo rwa mbere mw’ihiganwa ry’igikombe c’isi catanguye kur’uyu wa kane igenekerezo rya 14 Ruheshi 2018, mu gisagara ca Moscou muri ico gihugu c’Uburusiya. Urukino rwa mbere rwahuje igihugu c’Uburusiya n’igihugu ca Arabie Saoudite.

Urukino rugitangura imirwi yose yakina yerekana ko ikeneye gutsinda, naho nyene umurwi w’Uburusiya warushije uwa Arabie Saoudite kuva ku minota nka 15 y’urukino.
Ku munota wa 11 w’igice ca mbere, umurwi w’Uburusiya winjije igitsindo ca mbere, ku munota wa 43 winjiza ica kabiri, gutyo igice ca mbere gihera umurwi w’Uburusiya ufise ibitsindo bibiri ku busa.

Mu gice ca kabiri c’urukino, umurwi w’Uburusiya wazanye inguvu n’ubuhinga, inyuma y’umwanya muto igice ca kabiri gitanguye, umukinyi Artem Dzyuba yinjije igitsindo ca gatatu.

Umurwi w’Uburusiya wishimikije inkomezi z’abakinyi, mu mpera z’urukino winjije ibitsindo bibiri, kimwe ku munota wa 73 cinjijwe na Denis Cheryshev ku munota wa 90, Aleksandr Golovin aba ariwe asozera mu minota y’inyongera.

Urukino ruca ruhera ku ntsinzi y’umurwi nserukiragihugu w’Uburusiya ku bitsindo bitanu ku busa bw’umurwi nserukiragihugu wa Arabie Saoudite.

Kur’uno wa gatanu, hategekanijwe inkino zitatu : Misiri ikina na Uruguay isaha umunani, Maroc ikine na Iran isaha icumi, mu gihe Portugal ikina na Espagne isaha zatatu z’ijoro.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
hakizimana thewogene 2018-06-15 17:34:23

Andika hano ndasaba kobobandanya urukinorwiza

Kumenyekanisha