
Inyuma y’inkino za kabiri mu mirwi mu gikombe c’isi kiriko kibera mu gihugu c’Uburusiya, umukinyi w’Ubwongereza akaba na kizigenza w’uwo murwi Henry Kane yafashe ikibanza ca mbere ku rutonde mfatakibanza rw’abamaze kwinjiza ibitsindo vyinshi.
Henry Kane yatanguye kwiyerekana mu rukino rwa mbere, igihe umurwi w’Ubwongereza watsinda umurwi wa Tiniziya ibitsindo bibiri ku busa, ibitsindo vyose vyinjizwa na Henry Kane.
Gushika kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Ruheshi 2018, imbere y’urukino rwahuje Ubwongereza na Panama, Henry Kane yari afise ibitsindo bibiri gusa, ariko muri urwo rukino niho nyene yaciye imbere abakinyi nka Cristiano Ronaldo wo muri Portugal na Romeru Lukaku wo mu Bubirigi bafise ibitsindo bine, inyuma yo utsinda ibitsindo bitatu wenyene.
Ku rutonde mfatakibanza, bimeze uku :
1. Henry Kane (Ubwongereza) : Ibitsindo bitanu
2. Cristiano Ronaldo (Portugal) : Ibitsindo bine
3. Romeru Lukaku (Ububirigi) : ibitsindo bine
4. Denis Sheryshev (Uburusiya) : ibitsindo bitatu
5. Diego Costa (Espagne) : Ibitsindo bitatu
6. Artyom Dziouba (Uburusiya) : ibitsindo bibiri
7. Ahmed Musa (Nijeriya) : Ibitsindo bibiri
8. Eden Hazard (Ububirigi) : Ibitsindo bibiri
Kur’uno wa mbere igenekerezo rya 25 Ruheshi 2018, imirwi itangura gukina inkino za gatatu zo mu mirwi. Uburusiya bukina na Uruguay, Misiri ikine na Arabie Saoudite.
Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!