Cibitoke-Rugombo : Abayoboke batatu b’idini rya Islam bari mu minwe y’igiporisi

2 2-01-2018 - saa 17:01, IGIHE

Abayoboke batatu b’idini rya Islam bahagaritswe n’igiporisi mu gatondo ko kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 2 Nzero 2018, muri komine Rugombo,intara ya Cibitoke. Amakuru ava mu Rugombo amenyesha ko bagirizwa gutunganya imyiyerekano.

Amakuru ava mu bayoboke b’idini rya Islam mu ntara ya Cibitoke, amenyesha ko abo bayoboke batatu bahagaritswe bagirizwa gutunganya imyiyerekano yo kwiyamiriza bamwe mu barongozi b’idini rya Islam.

Ayo makuru nyene amenyesha ko abahagaritswe uko ari batatu bagiriza, bamwe mu barongozi b’idini rya Islam,aho muri komine Rugombo, ko basesagura kandi bagakoresha nabi amatungo y’idini.

Naho bamwe mu miryango y’abahagaritswe isaba ko barekurwa, abarongozi b’idini rya Islam muri komine Rugombo bamenyesha ko borindira ubutungane bugakora igikorwa cabwo.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
Ketty peace 2018-01-21 08:20:02

Barazira iki ?

2
HAVYARIMANA RACHIDI LEO 2018-01-04 23:10:44

abo bavandimwe baba islam ndibazako ivyo bazize arivyo bikunda kuba heshi mumisigiti iryarya zamaho ubutungane nabwo ndabusaba kudahengama bashire hintahe ishize bazorekurwa imiryango yabo nireme

Kumenyekanisha