Abayisiramu bahimbaje umunsi witiriwe ugucungurwa kw’imitima

11 12-09-2016 - saa 13:56, Egide NDUWIMANA

Abayisiramu bo mu Burundi bifadikanije n’abandi bo kw’isi yose mu guhimbaza umunsi mukuru witirirwa uw’intama. Igisabisho c’uguhimbaza uwo munsi cabereye mu bibanza bitandukanye, abayisiramu bo mu gisagara ca Bujumbura bakaba bahuriye muri zone ya Gatumba, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura.
Uwuserukira imbere y’amategeko umuryango w’abayisiramu mu Burundi, Cheikh Sadiki KAJANDI yamenyesheje mu nyigisho yatangiye mu Gatumba, ko umunsi mukuru w’intama usigura ugucungurwa kw’imitima ikava mu (...)

Abayisiramu bo mu Burundi bifadikanije n’abandi bo kw’isi yose mu guhimbaza umunsi mukuru witirirwa uw’intama. Igisabisho c’uguhimbaza uwo munsi cabereye mu bibanza bitandukanye, abayisiramu bo mu gisagara ca Bujumbura bakaba bahuriye muri zone ya Gatumba, komine Mutimbuzi, mu ntara ya Bujumbura.

Uwuserukira imbere y’amategeko umuryango w’abayisiramu mu Burundi, Cheikh Sadiki KAJANDI yamenyesheje mu nyigisho yatangiye mu Gatumba, ko umunsi mukuru w’intama usigura ugucungurwa kw’imitima ikava mu ngeso mbi, ikijukira inzira ija ku Mana.

JPEG - 22.3 ko
Cheikh Sadiki KAJANDI yasavye Abarundi kuyaga bahuza

Cheikh Sadiki Kajandi yasavye Abarundi ko boyaga bahuza birinde ingwano, bashire imbere ineza, aho akaba ari mu gihe igihugu kiri mu bikorwa vy’ukumenya ukuri n’ukurekuriranira.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2  

11
Inos 2016-09-12 14:40:14

Nuku Ri Uko Chek Avuze Igikurusingwano Nukwunvikana Kuko Intarantaciza Izana Atari Inryane Arikoumwana Atinya Ikara Ariukorimuturiye Nibawucanebazowota Nakare Uwuzoyitera Izoheraiwe Iherere Iwe

Paji: 1 | 2  

Kumenyekanisha