Bururi : Pasitori apfunzwe yagirizwa kugereranya Papa Fransisko na "Anti-Christ 666"

23 11-10-2017 - saa 13:36, Egide NDUWIMANA

Pasitori HAKIZIMANA Didier arongoye ishengero rya Adventiste ry’umunsi w’indwi mu ntara ya Bururi apfungiwe mu gasho k’igiporisi kuva kuri uwu wa kabiri yagirizwa ko akwiragiza imvugo zityoza ishengero rya Ekereziya Gaturika hamwe n’umwungere waryo Papa Fransisko.

Mu nyigisho uwo mupasitori agenda aratanga abicishije mu nzandiko atanga, avuga ko umwungere wa Ekereziya Gaturika, Papa Fransisko ari "Anti-Christ", akamugereranya n’igitigiri 666.

Mu giporisi bamenyesha ko bafashe uwo mugabo afise igitabu gicafyemwo igikoko gifise imitwe indwi, ico gikoko akakigereranya na Papa Fransisko, umwungere wa Ekereziya Gaturika kw’isi yose.

Ico gikoko cambaye inkofero yanditseko igiharuro 666, Pasitori HAKIZIMANA akigisha ko iyo nkofero nyene ico gikoko cambaye ariyo Papa Fransisko yambara.

Pasitori Didier HAKIZIMANA avuga kandi ko ishengero rya Gaturika ari "Anti-Christ" kubera ridahimbaza umunsi w’Imana ku munsi wa gatandatu, nk’uko bikorwa n’urushengero rwiwe rwa Adventiste rw’umunsi w’indwi.

Uwo mupasitori apfunzwe yagirizwa gutyoza ubwigenge bw’amadini hamwe n’ukwaka agateka umwungere wa Ekereziya Gaturika.

Mu giporisi bavuga ko uwo mupasitori ariko arakorerwa Dosiye kugira ashikirizwe ubutungane.

JPEG - 157.8 ko
Papa Fransisko, umwungere wa Ekereziya Gaturika
Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Paji: 1 | 2 | 3  

1
Manirakiza Vincent 2018-08-03 20:40:04

None uwo pastori azorekurwa ryari? twe turipfuza ko yorekurwa guko wosanga avuga ukuri guko icatumye abivuga ntawukiz kandi wosanga izo nimero666 ziri kuriwe none avuga ivyatabonye? ok murakoz.

2
MANIRAKIZA VINCENT 2018-08-01 20:05:09

Kuciyumviro co kuruwo mupastori,mbonako nimba avuga ivyo afitiye inyandiko avuga neza guko umuntu avuga ivyadafitiye inyandiko numubeshi,guko Bibiliya ivuga iti:Matay 24:14 dukwiye gukwiza ubutumwa hose,kandi dukwixe gukora ivyo Data womwIjuqu agomba Matay7:21,uko niko Bibiliya ivuga ok.

3
Manirakiza Vincent 2018-08-01 11:39:16

None uyo pastoro yavuze ivyo yabikuyehe? Bibiliya ivuga yuko ugukunda Imana arukuyumvira 1Yohana 2:3-4 havuga yuko utitondeye amabwirizwa yImana uba urumubeshi.None uyo pastoro ntararekurwa?

4
Silas 2018-04-12 21:36:52

Babwire,ncuti,yayesu,nshimirimana, Dieudone,ijambo,ryimana,rivugako Baziziba,amtwi,banke,kwumva Pasta,ihangane Umwemangire Yesu,nawe,azokwemangira,kwa Data We,wimutoyi,nkugereranya,nabishe Stafano,ngo,ivyoyigisha vyabarya,mumatwi,tuzovuga, abumva,bumve,je,nari,umuroma, Kuvyanyu Wompenda,bike Ihane!

5
Fulgence Harerimana 2018-04-11 17:21:43

Ndamwipfuriza ko ahubwo yopfungwa nkimyaka yose.kuko iryo dini ryaba diventiste baratyoza gose umuryango w’Ekleziya Gatorika.nkino mu MUTOYI_BUGENDANE_GITEGA iyo ndwi iheze bariko barakoresha igikorane, ntamajambo namwe bavuga atarayo gutyoza gatorika bakavuga nkuko nyene ngo Dusenga anti_kristo .Papa nawenyene ngo 666.Bakatwereka igikoko arisinzi ukuntu kimeze ngonico dusenga kubera dusenga dimanche.Ngo nitwapfa tuzoribwa n’ibikona nabo ngo baduge comme Jésus christ.URUMVA NKEKA BAVUGANA IVYO BIGISHA KUKO BAVUGA BIMWE NKEKA BAGIRA INAMA YAVYO.Thank you Holy Marry request for you the blessed of his son.Amen!!! Nibabahashe ntibisonera.

6
Manirakiza Eric 2018-04-07 09:22:07

Ico sigitangaje ko Pastorale Hakizimana Didier Yoba Yigishije Atyo munyigisho ziwe kuko ivyanditswe vyerekanako Abigira Abariko Barakorera Yesu Kristo Atariko biri Bari Murano nyene Tubona Bari muma fini atandukanye tubona.

7
KAZUNGU 2018-03-27 13:36:21

UWO MUPASTEUR AVUGA UKURI AHUBWO NIMWIGE BIBILIA NEZA MUTAHURE IGITABU C’IVYAHISHURIWE YOHANA NA DANIYELI MUHEZE MUVE MUBINYOMA MUJE MUKURI.MUHEZAGIRWE

8
Hazard 2018-01-10 21:57:49

Ukonukuri Nimukurikirane Ibyarimwo Kuvuga

9
ptsaentsaeoltdgesramnhbgtdataseahyakiloavsaemukimaredrahygdsama 2018-01-09 05:17:26

faseahgtayaolikadbvcaymiastarbcsaoesamuyhagmabdsaeolpasuenytsampeasbgatanhyaseyeakidsramauhgtastdanrdskaloastndsamnashegasareaoilrdshyanrsaelodrsapotanmhyasyahgtabdresabrsaemlasienhyasagtbcdrsamuyaseamtrasmtlordsganyaseamuki mo nadsae mkasia otsasuka otsae mop sersa mklseamki dhsa mtdo sagt anh bcrda mu sers ahn musaresa mki agt sdvcr sanhki asra ea ,p y asweau tsafdsrw ammy dsra
bgt dsra yapoas hbz

10
christian happy 2017-10-13 00:11:25

abantu turagoye !none uwo mutavuga rumwe nukumwambika inkonishushe?je numva uwo mu pasteri yagotse niba arivyukuri yabikoze kandi avyiyemerera.abo nabo babeshera bibiliya ;ntaho vyanditseko utsoza mugenzawe ngumuvuge ukwatari!ehe basha umuntu wese yirabe yisuzume areke gucirurubanza abandi

Paji: 1 | 2 | 3  

Kumenyekanisha