
Ishirahamwe Burundi Events ryatanguje icese itorwa ry’umwigeme mwiza kandi aciye ubwenge mu Burundi w’umwaka wa 2018, Miss Burundi 2018, kur’uno wa gatatu igenekerezo rya 28 Ruhuhuma 2018. Andre HAKIZIMANA ajejwe kumenyesha amakuru mu murwi utunganya Miss Burundi 2018, yavuze ko ihiganwa Miss Burundi 2018, ryugururiwe abigeme bose bo mu Burundi bakwije ibisabwa.
Mu kiganiro yahaye abamenyeshamakuru, Andre HAKIZIMANA yavuze ko ihiganwa Miss Burundi, ritunganywa mu ntumbero yo kwugurura imiryango, kugira Uburundi bumenyekane mu makungu biciye mu mico kama.
Andre HAKIZIMANA yavuze ko itorwa rya Miss Burundi ata mvo za poritike canke z’aho umwigeme avuka zijamwo, ariko atorwa hisunzwe, imico n’akaranga vyize, ubwiza bwiwe, hamwe n’ubwenge bwiwe.
Uwo ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Burundi Events ritegura ihiganwa Miss Burundi 2018, amenyesha ko abigeme bashka kuja muri iryo higanwa bazokwiyandikisha, kuva kw’igenekerezo rya 1 Ntwarante gushika kw’igenekerezo rya 16 Ndamukiza 2018.
Bagereranije n’ihiganwa Miss Burundi 2016 hamwe n’ihiganwa Miss Burundi 2017, Andre HAKIZIMANA ajejwe kumenyesha amakuru mw’ishirahamwe Burundi Events ritegura ihiganwa Miss Burundi 2018, yasiguye igishasha kije muri uyu mwaka.
Yavuze ati : « Uwu mwaka tuzoshika ku mashuri yisumbuye na kaminuza, kugira dusigurira abigeme ivyiza vyo kwitoza mw’ihiganwa Miss Burundi, kugira tubonereho kandi n’izindi mpano. Twararonse kandi abadushigikira bashasha nk’ibanki KCB hamwe n’ishirahamwe Loto Burundi. »
Andre HAKIZIMANA arashimira abariko bashigikira ihiganwa Miss Burundi 2018 muri rusangi, agashimira Reta y’Uburundi, ku rugero ishigikirako ico gikorwa, ibicishije mu bushikiranganji bw’urwaruka inkino n’imico kama.
Mw’ijambo ryiwe, Leonard SINZINKAYO, umuyobozi w’imico n’akaranga mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama, ari nawe yaserukiye umushikiranganji, yamenyesheje ko kuba hatunganijwe ihiganwa Miss Burundi 2018, ari ikimenyetso ko n’ayandi mahiganwa yatunganijwe yagenze neza, kandi ko ari igikorwa co gushigikirwa, yisunze uburemere bwaryo.
« Turashima igikorwa c’ihiganwa rya Miss Burundi kuko rishira ahabona ubwiza n’ubwenge bw’umurundikazi. Dusaba ko iki gikorwa coba icerekana vy’ukuri akaranga k’Uburundi. »
Leonard SINZINKAYO amenyesha ko Reta y’Uburundi ibicishije mu bushikiranganji bw’urwaruka, inkino n’imico kama ataco itazokora kugira ishigikire ihiganwa Miss Burundi 2018.
Ihiganwa Miss Burundi 2018, ritunganijwe ku civugo : « Ukwikorera ivyabo ku barundikazi, vyoza bifasha mw’iterambere ry’igihugu. », akaba ari naco abigeme bazotorwa bazokwisunga mugushikiriza imigambi yabo.
Umukobwa mwiza kandi aciye ubwenge azotorwa mu mwaka wa 2018, azoronka agashimwe k’imodoka yo mu bwoko bwa Ractus ahawe n’ishirahamwe ryo gutumatumanako Smart Burundi, ahabwe kandi ikibanza co kwubakamwo kingana n’imetero kwadarato amajana ane, azohabwa n’umuyobozi mukuru w’ishirahamwe Loto Burundi.
Kugira umwigeme yemererwe kuja mw’ihiganwa, bisaba ko aba ari umurundikazi, afise hagati y’imyaka 18 na 25, kuba aba mu Burundi, kuba atubatse kandi ataribaruka, kuba afise ibiro 60 n’ibirenga, kuba apima imetero imwe na sanimetero 65, kuba aba mu Burundi gushika amezi 12 ahere, kuvuga neza ikirundi n’igifaransa.
Nivyiza ariko nibazako bitwara uburyo bwinshi kugira ugere kurugero rwokuja murayo mahiganwa,
Andika hano Ni Igikorwa Ciza Cane Kuko Bituma Umwana Wumurundi Yumva Ko Yitaweho.