Bujumbura : Abunguruza abantu n’imodoka bavuga ko badatahura iyo ibingorongoro bija

1 30-05-2018 - saa 12:39, IGIHE

Abunguruza abantu mu gisagara ca Bujumbura bakoresheje imodoka, bavuga ko bamaze iminsi bataronka ibingorongoro vyo gusubiza abiyunguruza baja aho basabwa gusubizwa amafaranga 20. Bavuga ko bibonetse ata cobuza ko babiha abo bunguruza, mu gihe iyo bibuze bishika ntibabitahure.

NIYONKURU Ramadhan yunguruza abantu abajana muri zone ya Kamenge, avuga ko ivyo bingorongoro vyabonetse, mu nyuma birabura, ko gushika ubu batazi aho biherera, kandi bikenerwa cane.

HAKIZIMANA Felix nawe yunguruza abantu abajana mu bumanuko bw’igisagara ca Bujumbura, muri zone ya Musaga, avuga ko ibingorongoro rimwe rimwe babironka, hakagera n’ikindi gihe bikabura kandi vyari bikenewe.

Ku rundi ruhande, NIKIZA Joseph akora akazi ko kuvunja amafaranga, avuga ko ibingorongoro nabo batamenya iyo bija, kuko bagiye mw’ibanki nkuru y’igihugu, bababwira ko bobo babirungika mu mabanki y’ubudandaji, ko ariyo boja kubirondera.

Yaba NIYONKURU Ramadhan canke HAKIZIMANA Felix, bose bemeza ko ubukene bw’ibingorongoro na cane cane ivy’amafaranga 10, ari ikibazo, kuko vyama vyatumye abo bunguruza babashwanira ko babibimye babifise.

Abo bunguruza abantu bakoresheje imodoka canke abavunja, basaba ibanki nkuru y’igihugu kuva mu majambo ikaja mu bikorwa, igasohora ibingorongoro, kugira baba ababikoresha mu gusubiza canke ababivunja bakore akazi neza.

Mwomenya ko, mu kiganiro ku bamenyeshamakuru co kur’uyu wa kabiri igenekerezo rya 29 Rusama 2018, umuyobozi ajejwe ingene amafaranga asohoka mw’ibanki nkuru y’igihugu, yavuze ko ibingorongoro bihari.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
nkotanyi 2018-05-31 04:54:31

umuti w’ibi byose ni ugukoresha ikoranabuhanga mu kwishyura twe iwacu I kigali tumaze kumenyera kutagendana amahera ahubwo dukoresha carte muri bus ubundi ibyo bibazo by’aba convoyeur na abagenzi byarakemutse ndetse na abo ba convoyeur bacu yego ubu umushoffeur agenda we nyine.

Kumenyekanisha