Buja city ya Mairie ya Bujumbura yanganije na Maika y’i Uvira

0 14-11-2017 - saa 17:22, Pacifique BUKURU

Urukino rwahuje Buja City na MAIKA yo mu karere ka Uvira rwarangiye ku busa ku bundi. Urwo rukino rwatunganijwe mu ntumbero yo gusozera urugendo rwitiriwe kubana mu mahoro n’umutekano hagati y’uburere bw’ibihugu vyo mu biyaga binini bivuga ururimi rw’igifaransa, arivyo Uburundi, Repuburika iharanira demokarasi ya Kongo, hamwe n’igihugu c’Urwanda. Urwo rugendo rukaba rwatanguriye mu gisagara ca Kinshasa.

Ku muhingamo w’uwu wa kabiri igenekerezo 14 Munyonyo, hakinwe urukino rw’umupira w’amaguru mu ntumbero yo gusozera urugendo rwatanguriye mu gisagara ca Kinshasa.

Fiston NSENGIYUMVA, kizigenza w’umurwi wa Buja City avuga ati : «Umugwi wa MAIKA wadutangaje gose, ntitwari twiteze kunganya. Berekanye urukino rwiza rubereye ijisho »

JPEG - 118.1 ko
Abakinyi b’umurwi Buja City w’igisagara ca Bujumbura

Asaba ko inkino nk’izo zoza zirategurwa : «Vyoba vyiza abarongozi bagiye barategura inkino za kivandimwe nk’izi kugira ngo twunge ubucuti n’abandi bakinyi bo mu karere. Iterambere ry’ibihugu rirashoboka riciye mu nkino.»

Malipo Fikiri Kizigenza w’umurwi MAIKA, ashikiriza ati : « Urukino duhejeje gukina rutumye twunga ubucuti na Buja City. Twakinye urukino rubereye ijisho, twanejerejwe gose n’ingene rwagenze naho tutashoboye gutahukana intsinzi. »

JPEG - 109.2 ko
Abakinyi b’umurwi MAIKA w’i Uvira

Umushingamateka Freddy MBONIMPA arongoye igisagara ca Bujumbura ashikiriza ko intumbero ariyo gukomeza amahoro n’umuteakano mu bihugu bigize ibiyaga binini.

« Inkino ziri mu bituma amahoro n’umutekano bisasagara hagati y’ibihugu vyacu. Ni mu ntumbero yo kunywanisha urwaruka rwacu, tugakomeza ubucuti, ibihugu bigatezanya imbere mu mico, mu mibano no mu butunzi »

JPEG - 72.2 ko
Freddy MBONIMPA, umukuru w’igisagara ca Bujumbura

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha