Bubanza : Abantu batatu nibo bamaze guhitanwa na Korera

0 24-10-2017 - saa 10:00, Egide NDUWIMANA

Abantu batatu nibo bamaze kumenyekana ko bahitanwe n’ingwara ya Korera mu ndwi zibiri ziheze muri zone ya Buvyuko, komine n’intara ya Bubanza. Abandi bagera kuri 32 bakaba bari ku musego. Abanyagihugu bo muri ako karere kibonekejemwo ingwara ya Korera bamenyesha ko iterwa n’ubukene bw’amazi meza, bagasaba abajejwe intwaro kubashikanira ico kibazo bafise mu nzego zibijejwe.

Iyo ngwara iribonekeza kandi mu ntara ya Cibitoke, muri komine Rugombo, aho abantu bagera kuri 15 aribo bari ku musego kubera Korera. Abo bantu bose ni abo ku musozi Rukana wa kabiri.

N’abanyagihugu b’aho mu Rugombo bikeka ko iyo ngwara yoba iterwa n’amazi mabi banywa, aho akaba ari mu gihe bakoresha amazi yo mu ruzi rwa Rusizi kubera ubukene bw’amazi meza bafise.

Nk’uko bisabwa n’abanyagihugu bo mu duce twibonekezamwo iyo ngwara, abajejwe amagara y’abantu mu ntara ya Cibitoke bokwegereza imiti ya Korera mu mavuriro yo ku misozi, kugira uwufashwe ashobore gutangura gufata umuti atarasinzikara. Ivyo babivuga mu gihe ivuriro rikuru ry’intara ya Cibitoke riri kure y’uduce tumaze kwibonekezamwo iyo ngwara.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha