
Nkuko twabibasezeraniye, ikinyamakuru IGIHE, cariyemeje kuza kirabatohoreza insiguro z’ imvugo zimwe zimwe zikoreshwa n’abarundi bo mu gihe ca none, ariko batazi inkomoko yazo hamwe nokubivuga neza nk’uko bikwiriye.
Ku bisanzwe mu Burundi, iyo habaye urubanza rw’ubugeni, mu gukeza umugeni, abarundi bo muri bamwe bavuga ngo “Gira ngeni !”, ariko iyo mvugo bakayikoresha bisunze ko, urwo rubanza aba ari urw’ubugeni bakabona kuvuga gutyo, ariko baba bariko bavuga amakosa, kuko imvugo nziza ari ” KIRA NGERI !” nk’uko umukurambere twaganiriye avyemeza .
Uwo mukurambere yatanze insiguro avuga ko, aho hambere hahise, hariho igikoko cabangamira imiyabaga y’imisore n’inkumi. Ico gikoko cama cabategere iminsi yose, bavuye kuvoma amazi canke bavuye kuragira ibitungwa kigomba kubarya. Iyo miyabaga, ibaye iri kumwe n’abubatse, baracamira kikiruka kuko carabatinya gose. Umusore canke inkumi bahura atagendanye n’umugabo canke umugore yubatse, ubwiwe bwaba buheze kuko caca kimurya akaba asezeye isi.
Iyo rero bishitse umusore canke inkumi akagira ubugeni ico gikoko kitamuriye,abavyeyi b’umuyabaga bariruhutsa cane bivuye ku mvo z’uko ico gikoko kitabahekuye, incuti,ababanyi n’abaryango bakabona gukeza uwo mugeni bamubwira bati” Kira Ngeri !”
Iyo rero niyo nkomoko y’ijambo” Gira Ngeni !” naho abarundi bo muri iki gihe babivuga nabi, kandi bategerezwa kuvuga” ngo Kira Ngeri !”
UVUZUKURI NK UKURI ;A
ndabashimiye cane ku gikorwa mwakoze co kutwibutsa imvugo yakera kuko mu minsi irimbere ururimi rwacu twobaye twaruvanze,hama nagomba ndangize ndabasaba no kutwandikira ibisomwa bimw bimw vyakera kugira tubandany twibuka ururimi rwacu mumvugo no mu nyandiko. Nkakarorero :igisomwa BARATA-BARATORA,kirimwo inyigisho nyishi cane mu kiyago c’abubatse,murakoze.