Bamwe mu bigeme bavuga ko umusi mukuru wabahariwe batawuzi

0 11-10-2018 - saa 16:42, vianney

Bamwe mu bigeme bavuganye n’ikinyamakuru « IGIHE » bavuga ko umusi mukuru wahariwe umwigeme atawe bazi kuko bawumva uriko uvugwa gusa batarabona abababwira ibijanye nuyo musi kugira nabo bawuhimbaze.

Ivyo babishikirije mu gihe kuruno wa kane igenekerezo rya 11 Gitugutu 2018 ari umusi mpuzamakungu wahariwe umwigeme.

Bamwe mu bigeme bavuze bati : «Sinarinzi ko uyo musi uriho canke uhimbazwa uno musi,umusi wahariwe abakenyezi niwo tuzi wonyene »

Abo bigeme basaba ko vyoba vyiza uyo musi ufashijwe ukamenyekana kugira abigeme baronkereho akaryo ko gushikiriza ingorane bahura nazo mu buzima bwabo hamwe no gushikiriza imigambi y’iterambere baba bafise kugira bashikirwe.

Uyo musi mukuru wahimbarijwe ku rwego rw’igihugu kw’ishure ryisumbuye rya Iteba muri komine Rumonge mu ntara ya Rumonge ku civugo kivuga giti :«Shigikira umwigeme w’umurundi mu kumuha inyigisho y’akanovera ata nda z’ishushu zibonetse.»

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha