BRB yahagaritse ingingo yabuza gusaba kugurura amashirahamwe adandaza amafaranga y’agaciro

2 30-10-2018 - saa 17:30, vianney

Ibanki nkuru ya repuburika y’Uburundi BRB imenyeshako abipfuza kwuguruza amashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro bahawe uburenganzira bwo kubisaba.

Mw’itangazo umukuru w’ibanki nkuru y’igihugu BRB yasohoye kw’igenekerezo rya 29 Gitugutu umwaka wa 2018,Jean CIZA avuga ko ingingo yo guhagarika gutanga impusha ku mashirahamwe mashasha agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro ivuyeho ku bagwizatunga kugurura ayo mashirahamwe ku mbibe z’igihugu.

Jean CIZA avuga ko amashirahamwe agura akongera akagurisha amafaranga y’agaciro ku mbibe z’igihugu atarekuriwe kwimurira ibikorwa vyayo ku mirwa mikuru y’intara canke mu gisagara ca Bujumbura.

Uyo mukuru w’ibanki nkuru ya Repuburika y’Uburundi asaba ko ibikorwa vyo kugura no kugurisha amafaranga y’agaciro bitegerezwa kubahiriza no kwisunga ametegeko abigenga.

Ingingo yo guhagarika kwemerera amazu agura akongera akadandaza amafaranga y’agaciro yari yafashwe mu mwaka wa 2016.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

1
King 2018-11-07 23:19:10

Busurahende bavuze ko bakuyeho ibihano ntibavuze ko I bank yarisigaye yera rero ivyo uvuze wabisomye wenyene,?,?

2
Busurahende 2018-10-31 13:10:55

Ngira uwari yafashe iyo ngingo ntiyari azi ingaruka mbi bizogirira ibanki y’igihugu, gushika aho yari isigaye yera / igaragara. Inkozi z’ikibi zirondererwa aho zitari kuko n’uyo ni inkozi y’ikibi.

Kumenyekanisha