Ashley arahakana ko adakundana na Satb

0 1er-12-2017 - saa 11:52, IGIHE

Ashley ashitse mu gihugu yamenyesheje ko ururirimbo "My Level" yarukoze abisabwe n’abakunzi biwe. Arahakana ko adakundana na Satb, amenyesha ko umuntu yaririmvye azomuvuga izina inyuma y’igiteramo yimirije.

Girukwishaka Ashley yabwiye abamenyeshamakuru ko igiteramo yimirije gukorera mu Burundi yaciteguriye bikwiye, kuva akiri muri Kenya,haba kuririmba akoresheje ijwi ryiwe (Live), canke afashijwe n’ivyuma (Playback).

Aho muri Kenya, Ashley amenyesha ko yashizeho umurwi w’abamufasha kumenyekanisha ibikorwa vyiwe, eka no mu Burundi ngo arafise abamufasha ico gikorwa.

Mu ruririmbo"My Level", Ashley aravugamwo umuntu asa n’uwubwira ko atazopfa amusubije hasi, ko adashobora gushika ku rwego agezeko n’ibindi. Muri ico kiganiro, Ashley yaranse kuvuga izina ry’uwo agereranya na Lady Gaga( Umuririmvyi n’umwanditsi w’i Manhattan mu gisagara ca New York), mu gihe nawe (Ashley) yigereranya na Nicki Minaj.

Yarabajijwe kandi ku bijanye n’imigenderanire afitaniye na Satb, narirya abo babiri bakunze gucisha amajambo kuri facebook nk’aho boba bakundana. Ashley yishuye ko Satb badakundana, ko wewe asanzwe afise uwo bakundana.

Tubibutse ko Ashey aje mu giteramo kizoba kw’igenekerezo rya cenda Kigarama, kuri Star Hotel.

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

7533 0 16-08-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha