Ashley Diva azoshigikirwa naba bitumwako mu giteramo yimirije

0 23-11-2017 - saa 17:03, Egide NDUWIMANA

Ashley agiye gushira ku mugaragaro "Video" y’ururirimbo aherutse gusohora. Abaririmvyi batari bake bari ku rutonde rw’abazomufasha kuremesha igiteramo.

Inyuma y’igihe kitari gito ariko akorera mu gihugu ca Kenya, umuririmvyikazi Ashley agiye kuzoboneka mu giteramo ciwe. Ico giteramo kizorangwa hanini n’ishirwa ahabona rya "Video" y’ururirimbo "My Level" rumaze ikiringo kingana hafi amezi biri rusohotse.

Igiteramo ca Ashley kizobonekamwo bamwe mu baririmvyi basigaye ari ba bitumwako mu biteramo vyo mu Burundi. Aha turavuga, Big Fizzo, Vichou (Peace and Love). Kuri abo (biswe abatumire b’iteka) hiyongera Happy Famba Mkali Wa Show.
Si abo gusa, hari n’urundi rutonde rurerure rw’abaririmvyi batumiwe gushigikira mugenzi wabo kuri uwo munsi.

JPEG - 64.3 ko
Umuririmvyi Ashley

Tubibutse ko ururirimbo "My Level" rwavuzweko amajambo menshi, kuko ubutumwa Ashley yatanze yasa n’uwubwira uwundi, amubwira ko batangana. Ivyo biraheza bikanumvikana mu majambo ahereza urwo ruririmwo.

Umviriza aha munsi amajwi y’ururirimbo "My Level"

Kumenyekanisha
Kumenyekanisha

Izindi nkuru wasoma

7533 0 16-08-2017
Kumenyekanisha

ANDIKA ICO WIYUMVIRA KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKA RY'ICIYUMVIRO CAWE

Nta ciyumviro kirajako. Ba uwa mbere!  

Kumenyekanisha