
Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa ari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda amagara yiwe arabangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki. Uwo azwi cane mu bafashije mu guteza imbere ingoma z’Uburundi n’akaranga k’Uburundi asaba abagira neza hamwe na Reta kumugarukirako, kuko amafaranga akenewe kugira aje kwivuriza hanze atayo afise.
Hagati y’imiriyoni 13 hamwe na 15 z’amafaranga y’amarundi niyo umuryango wa Antime BARANSAKAJE uvuga ko akenewe kugira ajanwe kuvurirwa i (...)
Antime BARANSAKAJE, umutimbo rurangiranwa ari ku musego, kuva mu kwezi kw’icenda amagara yiwe arabangamiwe inyuma y’isanganya yagize ariko yiyunguruza kw’ipikipiki. Uwo azwi cane mu bafashije mu guteza imbere ingoma z’Uburundi n’akaranga k’Uburundi asaba abagira neza hamwe na Reta kumugarukirako, kuko amafaranga akenewe kugira aje kwivuriza hanze atayo afise.
Hagati y’imiriyoni 13 hamwe na 15 z’amafaranga y’amarundi niyo umuryango wa Antime BARANSAKAJE uvuga ko akenewe kugira ajanwe kuvurirwa i Nairobi mu gihugu ca Kenya, canke mu gihugu c’Ubuhindi, nk’uko vyasabwe n’abaganga bamukurikiranye akigira iryo sanganya.
Umuryango w’uwo mutama w’imyaka 81 usaba ko Reta y’Uburundi itokwirengagiza ako kamo k’ukumuvuza, kuko yakoreye igihugu. N’abandi bose babishoboye bakaba basabwe kugira ico baterereye.
Mu mwaka w’2014, ishirahamwe FOCODE ryarahaye agashimwe Antime BARANSAKAJE, yatowe nk’uwarushije abandi mu gikingira akaranga k’Uburundi.
BARANSAKAJE Antime ava mu muryango wakingiye umwami Mwezi Gisabo igihe yagira agandagurwe n’abansi. Ni nawe yabitse gushika n’uyu munsi ingoma zibiri zakanywe mu nshato z’inka umwami Mwezi Gisabo yari yagabiye umuryango wiwe.
NONE EREPEA YARAGIYEBURUNDU
Nn uyu mutama kuva akomeretse niyo pikipiki kugeza nubu ntarakira?
Mbe Ingoma Ni Iki Kumurundi?Iyo Tuba Tuzi Akamaro Kayo Hambere Aho,ntamajambo Meshi Twovuze Tudatabarije Iyontwari!Kanatsinda,yagwaniye Igihugu Rukamvye,naco Nikimugarukire:"ivyo Bihera Kunzego Zo Hejuru,gushika K’umwenegihugu Mutomuto"!!Ndakeneye Kumenya Vyishi Kungoma Z’ubwami I Burundi,iyambere Yabayeho Gute?Mbe Ho Yagiye Gute?Ubu Mbe Ntawomenya Aho KARYENDA Iri?Uwufs Vyishi Kuri Kahise K’ingoma Zacu Yobindungikira.
Mutama yihangane ahubwo yishire mu maboko y’Imana kuko nta Leta ihari yo kumufasha.
NTABAPFANE KUKO YATEJE IMBERE IGIHUG
Ababishoboye tumufashe kabisa ninekenerwa
Naho ashaje leta nimuhe amahigwe aje kwivuza ayo bomuhamvyemwo bayamuhe akiri muzima niyo akeneye ntakeneye amashugwe bazoja gushira ku mva yiwe